Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukuru w'igihugu ca Tuniziya yaryamiye ukuboko kw'abagabo
Umukuru w'igihu ca Tuniziya, wa mbere yagiyeko biciye muri demokrasi, Beji Caid Essebsi, yaryamiye ukuboko kw'abagabo afise imyaka mirongo icenda n'ibiri
Bwana Essebsi, yagize uruhara muri leta ya Tuniziya kuva mu 1956, yaje kumenyekana cane nyuma y'itembagazwa rya Zine El Abidine Ben Ali haraciye imyaka umunani.
Itembagazwa rya Ben Ali ryatanguje amahinduka mu karere k'abarabu, yaje kwitwa "Arab Spring" mu congereza.
Naho yakoranye na leta yabanjirije yafatwa nk'iyitwaza igitugu, yabonwa nk'umuntu w'umukozi ashikana ibikorwa kandi azana bishasha.
Umugambwe wiwe mushasha, Nidaa Tunis, watsindiye intebe nyinshi mu nama nshingamateka, bimuviramwo gutorwa nk'umukuru w'igihugu mu 2014.