Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Koreya y'epfo ivuga ko yarashe insoro zo kugabisha ku denge y'Uburusiya
Koreya y'epfo ivuga ko indege zayo z'ingwano zarashe amasasu yo kugabisha ku ndege ya gisirikare y'Uburusiya yavogereye ikirere cayo kabiri kose.
Yavuze ko hakoreshejwe amasoro ashika amajana ane araswa nk'inkoho nini izwi nka "machine gun" mu congereza, igihe iyo ndege ikora akazi ko kurereka yagurukira hafi y'amazinga ya Dokdo.
Uburusiya, busa nk'uko buriko burakora ico gikorwa bukoresheje indege z'Ubushinwa, bwahakanye ivy'uko bwavogereye ikirere ca Koreya y'epfo.
Ivyo vyabaye vyanatumye Ubuyapani nabwo bugira ico buvuga, mu gihe nabwo bwemeza ko bwegukirwa n'ayo mazinga ategekwa na Koreya y'epfo.
Ubuyapani kandi bwanarungitse ubutumwa bwo kwiyama ku gihugu c'Uburusiya kubera ivyo vyabaye.
Ariko bwavuze kandi ko ivyagizwe na Koreya y'epfo bidashobora kwihanganirwa ngo kandi ni ibintu bibabaje cane.