Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuntu yatewe imbugita London mu kwigina intsinzi ya Algeria
Umugabo yatewe imbugita i Trafalgar Square mu muji wa Londo, mu kurwana kwadutse mu birori vyo kwigina igikombe ca Algeria mw'ihiganwa rya Afrika.
Algeria yatsinze iryo higanwa kuwa gatanu, abakunzi bayo bakaba barahuye Trafalgar Square amajoro abiri bikurikiranya kugira bigine.
Igipolisi co mu muji wa London cavuze ko igihe ca saa saba n'iminota 20 umugabo w'imyaka irenga 20 yatwawe kwa muganga afise igikomere c'imbugita.
Igikomere ciwe ngo ntikibangamiye ubuzima bwiwe, kandi hari abafashwe.
Algeria yatwaye ico gikombe ku nshuro ya kabiri - ubwa mbere yagitwaye mu 1990 - nyuma y'igitsindo cinjiye kare, urukino ruhera ari 1 ku 0 bwa Senegale.