Abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Sudani bavuga ko inzego z'umutekano zateye ku nyubakwa yabo

Ahavuye isanamu, AFP
Ishirahamwe ritavuga rumwe n'ubutegetsi bwa Sudani rimenyesha ko abajejwe umutekano bateye ku biro vyaryo bakabuza ikiganiro n'abamenyeshamakuru imbere y'uko haba imyiyerekano yo kwiyamiriza ubutegetsi bwa gisirikare.
Ishirahamwe ry'abakozi, Sudanese Professionals Association (SPA), rivuga ko ryiyamirije "iyo nyifato y'igikenye".
Mu masaha y'umugoroba w'ejo ku wa gatandatu, ishirahamwe SPA ryari ryateguye ikiganiro n'abamenyeshamakuru kugira ngo rimenyeshe ivyerekeye imyiyerekano yari iteguwe, ikaba ariyo myiyerekano ya mbere inyuma y'aho igisirikare kirasiye abari mu myiyerekano kw'igenekerezo rya 3 z'uku kwezi kwa gatandatu.
Uwurongoye iyo myiyerekano, Ahmed al-Rabie, yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP ko umurwi wa gisirikare Rapid Support Forces (RSF), ariwo wahagaritse ico kiganiro.
Yavuze ati: "Mu gihe twagira dutangure ikiganiro n'abamenyeshamakuru, imodokari zitatu z'umurwi RSF zuzuye abantu bafise ibirwanisho, zaje ku nyubakwa yacu baca batubwira ko tudashobora gukora ico kiganiro".
Avuga ko abari muri iyo nyubakwa bose bategetswe kuhava.
Kubwa Bwana al-Rabie, iryo ni ihonyangwa ry'uburenganzira bw'abanyagihugu ribi gusumba ku ntwaro ya Omar al-Bashir yakuwe ku butegetsi mu kwezi kwa kane uno mwaka.
Igisirikare caragabishije abatavuga rumwe n'ubutegetsi ko bazobazwa imigumuko ishobora kwaduka canke abosiga ubuzima muri iyo myiyerekano.
Jenerali Mohamed Hamdan Dagalo, azwi kw'izina rya Hemeti, arongoye umurwi RSF yaragabishije ko "inkozi z'ikibi" zishobora kwikika mu kiza, kandi ko hari "n'umugambi mubi winyegeje inyuma" y'iyo myiyerekano.
Ibiganiro hagati y'inama ya gisirikare irongoye igihugu vy'imfatakibanza n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi vyarahagaze inyuma y'imigumuko yo ku wa 03 z'uku kwa gatandatu.
Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika be n'umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia baragerageje guhuza izo mpande zompi, ariko gushika ubu ibiganiro ntibirasubira gutangura.
Ku munsi wa gatanu, SPA yamenyesheje ko babiri mu bakuru b'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bahagaritswe, igasaba "amakungu ko yotegeka ko barekurwa".










