Umuhora wa internet muri Sudani wuguruwe 'ariko ku mushingwamanza gusa'

Ahavuye isanamu, ABDEL-ADHEEM HASSAN
Umushingwamanza wo muri Sudani yabwiye BBC ko umuhora wa internet wasubiye gukora inyuma y'indwi yose wugawe - ariko kuri wenyene gusa.
Ku munsi wa Mungu, uyo mushingwamanza, Abdel-Adheem Hassan, yaratsinze urubanza yari afitaniye n'ikompanyi y'ugutumatumanako Zain Sudan kw'ifunga ry'uwo muhora ryategetswe n'abategetsi ba gisirikare.
Hagati aho, avuga ko iyo ntsinzi ari inyungu kuri we wenyene kubera yari yitwaye ku giti ciwe.
Internet yari yugawe inyuma y'aho abajejwe umutekano birukaniye ku nguvu abari mu myiyerekano bari bagandagaje hagati mu gisagara ca Khartoum.
Bwana Hassan avuga ko gushika ubu ari we musivire wenyene mu gihugu afise uburenganzira bwo gukoresha ubwo buhinga atarinze guca mu nzira zigoye.
Avuga ko uyu munsi wa kabiri asubira muri sentare kugira ngo avugire abandi banyasudani.
Bwana Hassan ati: "Ejo na hirya y'ejo (ku wa kabiri no ku wa gatatu) sentare izosasa. Turizeye ko abanyagihugu bashika umuliyoni bashobora kuronka uburenganzira bwo gukoresha umuhora wa internet gushika mu mpera z'iyi ndwi".
Umunyamakuru wa BBC Mohamed Osman ari ku mugwa mukuru Khartoum, aremeza ko internet icugaye, n'aho hafashwe icemezo co kuyugurura ku munsi wa Mungu.
Bwana Hassan avuga ati: "Ikompanyi itanga umurongo yananiwe n'ugutanga icanditse mu guca umuhora wa internet".
"Bose barahunga ico kibazo, nta n'umwe ashaka kuvyemanga - ubwo ni ubukozi bw'ikibi kandi ni uguhonyanga agateka ka zina muntu".
Ku munsi wa mbere, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryarasavye abategetsi ba Sudani gutanga uburenganzira ku bahinga b'agateka ka muntu kwinjira mu gihugu n'uguhagarika "ihohotera" ku bari mu myiyerekano.
Umukuru w'ishami rya ONU ryitaho agateka ka zina muntu, Michelle Bachelet, asaba ubutegetsi bwa gisirikare kwugurura umuhora wa internet.
Sudani iri mu ruhagarara kuva mu mpera z'umwaka uheze wa 2018 kuva hadutse imyiyerekano yarwanya ubutegetsi bwa Bwana Bashir yahavuye akurwa ku butegetsi mu kwezi kwa kane kw'uno mwaka.
Hagati aho, imyiyerekano yarabandanije, aho abari muri yo basaba ko ubutegetsi bwa gisirikare bwovaho bugashirwa mu minwe y'abasivire.










