Umukuru w'umurwi Boko Haram yerekanywe mw’ireresi ‘bimugora gusoma’

Umukuru w'umurwi Boko Haram ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu, Abubakar Shekau, yerekanywe mw'ireresi - inyuma hafi y'umwaka wose ataboneka.

Muri iyo reresi yasohotse mu guhimbaza ukwezi kweranda kwa Ramadani, uyo mukuru wa Boko Haram yashikirije ijambo ryiwe mu rurimi rw'icarabu. Yasa n'uwufise ingorane z'amaso ufatiye ku kungene vyamugora gusoma ijambo ryari ryateguwe.

Muri iryo jambo, uyo mukuru wa Boko Haram adakunze kuboneka, yariyamirije intwaro rusangi, ashimagiza ivyiyumviro vy'umurwi wiwe urwanya ivy'amashure n'ibindi vyose vyamuka mu mico yo mu burengero bw'isi.

Nta gishasha kirimwo, ariko kubona iyo reresi isohoka ico gihe bifise ico bisigura, bigasa kandi n'ibitanga ubutumwa kuri leta ya Nigeria.

Umukuru w'ico gihugu, Muhammadu Buhari, yimitswe mu ndwi iheze ngo arongore ikiringo ca kabiri c'umukuru w'igihugu, mu gihe igihugu gikwije imyaka 20 cinjiye muri demokarasi.

Ni intwaro irwanywa na Boko Haram irongowe na Shekau ashaka gushinga ubutegetsi bushingiye ku matekego y'idini rya Isilamu.

Bisa n'uko Shekau ariko agerageza kwerekana ko we na Boko Haram yiwe bakiriho, n'aho mu bisanzwe ishami ryiyonkoye kuri yo rikorana n'umurwi wiyitirira Leta ya ki Isilamu (IS) ariryo rikiboneka.

Rizwi ko ari ryo ryakoze ibitero hafi vyose biheruka kubera mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Shekau - asanzwe arongoye Boko Haram haciye imyaka icumi - yaragiriraniye amasezerano n'umurwi IS mu mwaka wa 2015. Yaciye awita "Intara ya Leta ya ki Isilamu muri Afrika y'Uburengero (Islamic State West African province, Iswap).

Ariko mu mwaka wakurikiye, uwo murwi waciye wicamwo kubiri, inyuma y'aho IS yirukaniye Shekau, imuhora ko akora ibitero ku basivire - harimwo aba isilamu, abagore n'abana.

Shekau yaciye abandanya arongoye Boko Haram, Iswap nayo ibandanya ikora ukwayo.

Iyo reresi ishobora kandi kuboneka nk'ukubeshuza igisirikare cari giherutse kumenyesha ko catsinze Boko Haram mu gitero cakozwe kuri uwo murwi, kinamenyesha ko Iswap ari yo yari igiteye ingorane.

Iyo ntambara imaze imyaka cumi muri Nigeria - no mu bindi bihugu bitari bike - imaze guhitana abantu barenga ibihumbi 20, abandi baharurwa mu ma miliyoni barata izabo.