Republika ya Demokrasi ya Kongo iramutswa umushikiranganji wa mbere mushasha

Umukuru w'igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Kongo, Felix Tshisekedi, yashizeko umushikiranganji wa mbere, inyuma y'amezi ashika hafi ane ashikiriye ubutegetsi.

Umunyepolitike abirambiyemwo akaba yari asanzwe ari umuyobozi mukuru w'ikigo kijejwe ivya gari ya moshi, Sylvestre Ilunga Ilukamba niwe agiye kuyobora leta.

Yagenywe n'uwahoze ari umukuru w'igihugu Joseph Kabila, yagumanye ububasha atari buke nyuma y'aho urunani rwiwe ruronkeye ubwinshi mu nama nshingamateka.

Prezida Thisekedi hamwe na Bwana Kabila bariyemeje gukorera hamwe inyuma y'amatora atabonywe neza na bose.

Abayakurikiraniye hafi benshi bavuga ko ayo matora yari yatsinzwe n'umukandida atavuga rumwe na leta, Martin Fayulu.