Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Côte d'Ivoire yamenye amatoni ibihumbi 18 y’umuceri 'udakwiriye gufungurwa n'abantu'
Abategetsi b'igihugu ca Côte d'Ivoire bariko barasesa amatoni ibihumbi 18 vy'umuceri uvugwa ko udakwiriye gufungurwa n'abantu.
Mu ndwi zirangiye, umuceri wari uje uva mu gihugu ca Myanmar (cahoze citwa Birmanie) warabujijwe kwinjizwa ku bivuko bitari bike vyo muri Afrika y'uburengero, harimwo na Lomé, Conakry na Accra.
Uwo muceri wahavuye upakururwa ku kivuko co mu gisagara ca Abidjan hanyuma urapimwa, ari naho basanze utameze neza.
Uwo muceri ukaba uriko utwarwa ahagenewe gutabwa iyarara.