Icegeranyo ca NBC News kiragiriza abakozi ba HCR kurya ibiturire

Ikinyamakuru NBC News co muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika casohoye igice c'icegeranyo giherutse gukora kivuga ko igiturire ciraye mu makambi y'impunzi ari mu minwe y'ishirahamwe HCR rifasha impunzi kw'isi.

Ayo makambi ari mu bihugu vya Kenya, Uganda, Ethiopia, Libya na Yemeni.

Ico cegeranyo cavuye mu matohoza yamaze amezi indwi, kivuga ko hari abakozi b'iryo shami rya ONU basaba ibiturire impunzi iyo zisaba ugufashwa mu buryo butandukanye.

Aho ngo ni mugihe bagiye gusaba ubuhungiro mu bindi bihugu (réinstallation) - aho basaba amadolari 5000 ku muntu, imfungurwa hamwe n'ibijanye n'ukuja kuvurirwa hanze y'ikambi.

Ishirahamwe HCR ririyamiriza ivyo vyagiriji, rikamenyesha ko ico cegeranyo "gishobora kubangamira kazoza k'impunzi zipfuza cane ubuhungiro mu bindi bihugu".

Ryongerako riti: "Nk'uko no mu yandi mashirahamwe bimeze, ntihabura abantu bakora ibitaroranye canke bakagira akageso kabi. Nico gituma dufise inzego zidufasha gucunga, inzego zakomejwe mu myaka ibiri iheze, kandi tukabandanya turondera kuzikomeza".

Iryo shirahamwe rimenyesha ko ryasanze hariho abantu b'ababeshi bahenda impunzi bakabarya amahera.

"Ivyegeranyo n'amatohoza, birerekana ko bimaze kuba kenshi aho usanga hari abantu bigira abakozi ba HCR, bakoresha amakarata ndangamukozi y'ububeshi bakabwira abantu ko bashoboye kubafasha kurondera ubuhungiro mu bindi bihugu".

"Kubera HCR idashobora kurwanya abo babeshi ku rwego rwo hasi, twarafashe ingingo nshasha kugira ngo twigishe impunzi, twongere tuzifashe ingene zomenya kandi zigashengeza abo babeshi".

Ishirahamwe HCR rivuga ko ryiga neza mbere n'ibihano bigafatwa, harimwo n'ukwirukanwa, mu gihe hagize umukozi waryo canke uw'irindi shirahamwe rikorana naryo yagirijwe kurya ibiturire, gukora magendo canke guhohotera impunzi, bikaboneka ko ibimuvugwako ari vyo.