Sibeth Ndiaye: mbega ni nde uyu muvugizi wa leta y’Ubufaransa mushasha?

Ahavuye isanamu, AFP
Umwe mu baherutse kugenwa muri leta y'Ubufaransa ni uwahawe ubwenegihugu bw'Ubufaransa, haraciye imyaka itarenga itatu - ariko ubu akaba agiye kuvugira ico gihugu.
Sibeth Ndiaye, umuvugizi wa leta mushasha, yavukiye i Dakar mu gihugu ca Senegali, akaba yaronkejwe ubwenegihugu bw'Ubufaransa igihe yafasha Prezida Emmanuel Macron w'ico gihugu mu myiyamamazo yo mu mwaka wa 2016.
Ariko, ubucuti bwa hafi cane hagati y'uwo mukenyezi w'imyaka 39 n'umukuru w'igihugu - na bimwe mu vyo yavuga muri ico gihe nk'umuhanuzi wiwe mu vy'ukumenyesha amakuru - vyatumye abanyepolitike batavuga rumwe n'ubutegetsi bamunegura.
Umunsi umwe yabwiye ikinyamakuru ko yari "aryohewe cane n'ukubesha kugira ngo akingire umukuru w'igihugu".
Kuva i Dakar gushika i Paris
Umupfsoni Ndiaye yavutse mu mwaka wa 1979 mu gihugu ca Senegali cahoze gitwarwa n'Ubufaransa, avukira mu muryango watanguye kumushira mu vya politike akiri muto.
Se wiwe yaragize uruhara runini cane mu mugambwe Parti Démocratique Sénégalais, mu gihe nyina wiwe nawe yari umucamanza wo ku rwego rwo hejuru mu murwi ujejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro.
Yize amashure yiwe mu bihugu vya Senegali n'Ubufaransa, akaba yaranagize uruhara mw'ihuriro ry'abanyeshure bakomoka mu bihugu bivuga igifaransa - aho yatinze akabwira ikinyamakuru Jeune Afrique ko yumva afise ishaka ry'uguhindura ibintu mu buzima bw'abanyeshure.

Ahavuye isanamu, Reuters
Avuga ko icatumye yinjira muri politike y'igihugu c'Ubufaransa ari amatora y'umwaka wa 2002, aho umukandida Jean-Marie Le Pen wo mu mugambwe Front National, ufise politike ishingiye kw'ikumira ry'abanyamahanga, ugiriye mu gice ca kabiri c'amatora.Yinjiye mu mugambwe w'aba socialiste aca atangura ibikorwa vyiwe vya politike.
Yabonanye ubwa mbere na Bwana Macron igihe yari icegera c'umunyamabanga mukuru mu biro l'Élysée vy'umukuru w'igihugu, akaba yakorera umushikiranganji w'ubutunzi - akazi kahavuye gafatwa na Bwana Macron mu mwaka wa 2014.
Mu gihe yatangaza ko ashaka kwiyamamariza igiti c'umukuru w'igihugu, umupfasoni Ndiaye yaciye yinjira mu murwi wari ujejwe imyiyamamazo ya Bwana Macron. Iyo ngingo yatumye aba umuhanuzi w'umukuru w'igihugu mu vyerekeye ukumenyesha amakuru.
Yabwiye Jeune Afrique ati: "Amabanga yanje ashingiye cane cane ku migenderanire myiza nagiranye n'abantu bashobora kunyizera, kandi nkaba naragerageje kuguma nizewe".
Ivyerekeye ugutanga amakuru
Igenwa ryiwe muri leta mu mpera z'indwi iheze ryaraneguwe cane ryongera riteza impari mu Bufaransa.
Mu mwanya yamaze ari umuhanuzi wa Bwana Macron, abanyamakuru barirukanywe muri Elysee, hongera hatangura amategeko agoye ku biraba abakozi bipfuza kuvugana n'abanyamakuru.
Aho bamuneguye cane ni inyuma y'inkuru yanditswe n'ikinyamakuru L'Express mu mwaka wa 2017, aho yavuga ko yashobora kubesha kugira ngo akingire Bwana Macron.
Abarwanya ubutegetsi barabaza ico ayo majambo - yari yahakanye ubwa mbere ko atavuze - asigura mu gihe avuye mu kanwa k'umuvugizi wa leta.
Ian Brossat, umuvugizi w'umugambwe Parti Communiste Francais, yanditse ku rubuga rwa twitter ati: "Uravye ivyo iyi leta ikora, bisa n'uko ata ngorane kuba umuvugizi wa leta".
Julien Sanchez, umuvugizi w'umugambwe Rassamblement National, yarabishimangiye ati: "Umubeshi yabaye umuvugizi wa leta".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu kiganiro ca mbere yagiranye n'abamenyeshamakuru ku munsi wa mbere, umupfasoni Ndiaye yavuze ko ayo majambo atajanye n'igihe.
Yabwiye abamenyeshamakuru ati: " Ico gihe cari igikorwa canje co gukingira umukuru w'igihugu...uno munsi, mfise ayandi mabanga mashasha".
Abandi nabo biyamiriza umukuru w'igihugu kubona agena incuti ikomeye mu mabanga ya leta.
Imbere y'aho, umupfasoni Ndiaye yari yasiguye akamaro k'amabanga ajejwe muri leta nk'umwenegihugu yahawe ubwenegihugu.
Avuga ati: "Ndaryohewe n'aya mabanga y'ugukorera Ubufaransa, igihugu nahisemwo jewe nyene".
"N'imbere y'uko mba Umufaransakazi, nari umwe mu bantu bafise uruhara muri kino gihugu, cane cane mu gace ka Seine-Saint-Denis i Paris, aho ata kintu na kimwe coroshe, ariko aho ibintu vyose bishoboka".
"Ubufaransa bwampaye vyinshi, uno munsi ni jewe ntegerezwa kubusubiriza mu ndumane".










