Umuririmvyi rurangiranwa Koffi Olomide yagiriwe n'icaha c'ukuryamana umukobwa w'imyaka 15

Ahavuye isanamu, AFP
Koffi Olomide, umwe mu baririmvyi bazwi cane muri Afrika akomoka mu gihugu ca Republika y'Intwaro Rusangi ya Kongo, yagiriwe n'icaha c'ukuba yararyamanye n'umwe mu bahoze ari abaririmvyi biwe atarakwiza imyaka yemewe n'amategeko.
Sentare yo mu gihugu c'Ubufaransa yemeje ko uyo muririmvyi yaryamanye n'umukobwa yakoresha mu gihe yari afise imyaka 15 y'amavuko.
Yaciriwe umunyororo ubangiriwe w'imyaka ibiri n'iyo sentare mu gihe atari yitavye urwo rubanza.
Umumenyeshamakuru wa BBC Nadir Djennad avuga ko iyo ngingo isigura y'uko uyo muririmvyi ashobora gupfungwa mu gihe yokora ibindi vyaha.
Uyo muririmvyi w'imyaka 62 y'amavuko yategetswe kuriha indishi y'akababaro uyo yahoze amuririmbira ingana n'amadolari 5700.
Sentare y'ahitwa Nanterre iri hanze y'umugwa mukuru Paris w'Ubufaransa, yamutegetse kandi kuriha ihadabu ingana uko nyene ku caha c'ugufasha abakenyezi batatu kwinjira mu Bufaransa mu kinyegero.
Umwunganirizi wa Koffi Olomide yashimye urwo rubanza, akavuga ko ari intsinzi kuwo aburanira.
Yabwiye abamenyeshamakuru ko iyo ngingo ya sentare ishobora gukuraho umutahe mpuzamakungu wari wasohorewe uwo aburanira, bikazomuha uburenganzira bwo kuja mu gihugu c'Ubufaransa ata nkomanzi.
Koffi Olomide ni umuririmvyi rurangiranwa mu muziki wo mu bwoko bwa rumba na soukous ukundwa cane mu bihugu vyinshi vya Afrika.
Uyo muririmvyi yatanguye kwagirizwa mu mwaka wa 2012 icaha c'ugufata ku nguvu, ariko aratezurirwa.
Bane mu bahoze ari abakozi b'uyo muririmvyi babwiye sentare ko yabafashe ku nguvu incuro nyinshi hagati y'imyaka ya 2002 na 2006.
Bavuze ko ivyo vyabereye muri Kongo be no mu Bufaransa.
Yaragiranye ibibazo n'ubutungane akatari gake
Abo bakenyezi bamenyesheje kandi ko yabugaraniye mu nzu iri hanze ya Paris bavamwo baratoroka umunsi umwe mw'ijoro mu mwaka wa 2006, ariko ntibasubira muri Kongo batinya ko yobihora.
Abashikirizamanza bagumye basaba ko yopfungwa imyaka indwi ariko sentare yarahakanye ivyaha vyamwagira vy'ugufata ku nguvu n'ukunyuruza.
Olomide yahungiye mu gihugu ca Kongo mu mwaka wa 2009 ava mu Bufaransa, avuga ko azokwiregura, ariko akaba atashoboye guseruka imbere ya sentare muri urwo rubanza rwaciwe mu mwiherero bisabwe n'abo bakenyezi.
Uyo muririmvyi w'imyaka 62 - izina ryiwe ry'ukuri rikaba ari Antoine Christophe Agbepa Mumba - yaragiranye ibibazo n'ubutungane akatari gake:
- Mu mwaka wa 2018, igihugu ca Zambia catanze itegeko ry'ukumuhagarika inyuma yagirizwa gukubita uwariko afotora
- Mu mwaka wa 2016, yarahagaritswe aca arirukanwa inyuma y'aho akubitiye umwe mu baririmvyi biwe mu gihugu ca Kenya
- Mu mwaka wa 2012, yaragiriwe n'icaha c'ugukubita uwumufasha mu gukora indirimbo aca ahabwa igihano c'ugupfungwa amezi atatu kibangiriwe
- Mu mwaka wa 2008, yaragirijwe ko yateye umugere umumenyeshamakuru wa televiziyo yigenga ya RTGA yariko afata amasanamu amena n'icuma ciwe c'ugufata ayo masanamu mu gihe yari yaremesheje igiteramo, ariko mu nyuma harabaye umwumvikano birahera










