Zambia yasohoye umutahe wo guhagarika umuririmvyi rurangiranwa wo muri RDC Koffi Olomide

Olomide kandi arakurikiranwa mu Bufaransa ku caha co gufata ku nguvu bane mu bakobwa batamba mu mugwi wiwe

Ahavuye isanamu, KTN

Insiguro y'isanamu, Olomide kandi arakurikiranwa mu Bufaransa ku caha co gufata ku nguvu bane mu bakobwa batamba mu mugwi wiwe

Umwami w'umuziki wa Rumba mu Congo araronderwa n'ubutungane bwa Zambia ku caha co gukubita umufotozi i Lusaka mu 2012.

Yari yahamagawe kwitaba mu butungane ku wa gatanu, ariko ntiyaje.

Uwumufasha kumuronderera isoko muri Zambia, Mark Mumbalama, yasavye ubucamanza kumuha uwundi mwanya ukwiye.

Avuga ko yagize ingorane zo kurungikira umutahe uwo muririmvyi hakiri kare.

Ariko Gilbert Phiri, aburanira uwitwaye yasavye ko hasohoka umutahe mpuzamakungu, avuga ko n'imbere y'aho atigeze yitaba ubutungane.

Umucamanza Mwandu Sakala yemeye ivyo asaba.

Yavuze ati:"Natanze uruhushwa rwo kurungika umutahe wo kumufata."

Koffi Olomide, umuririmvyi wo muri RD Congo yagirizwa gukubita umuntu afata amafoto w'umunyarwanda, Nepomuscene Ndayisenga, mu giteramo cabereye mw'ihoteli y'i Lusaka muri Zambia itariki 28 z'ukwezi kwa cumi na kabiri mu 2012.

Uwitwaye yagiriza uwo muririmvyi w'imyaka 62 yamukubise mu maso.

Avuga ko "yamuvunye urutoke rukuru amena na kamera yiwe."

Koffi Olomide ashobora gucibwa urubanza rwo gupfungwa cane gutanga amande.

Mu kwezi kw'indwi guheze, igihugu ca Zambia caramubujije guhonyora ku butaka bwaco aho yategerezwa kuja kuremesha igiteramo.

Yari yasavye imbabazi abicishije ku mboneshakure y'igihugu ya Zambia.

Koffi Olomide arakurikiranwa kandi mu Bufaransa ku caha co gufata abakoba bane mu bamutambira ku nguvu, hakaba haratanzwe n'umutahe mpuzamakungu wo kumufata.