Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ibikorwa vy'ubutabazi vyahagaritswe ku nyubakwa yaguye muri Nigeria igahitana abantu 11
Abajejwe ibikorwa vy'ubutabazi muri Nigeria bahagaritse kurondera aboba bakiri bazima mu bihomoka vy'inzu y'amagorofa ane yasenyutse ejo mu muji wa Lagos.
Abantu cumi n'umwe nibo bimaze kumenyekana ko bahasize ubuzima igihe iyo gorofa yabasidukirako ejo kuwa gatatu.
Abashoboye gutabarwa bagakurwa mu bihomoka ni mirongo itanu, iyo nzu ikaba yari ifise ishure ry'intango ryakorera mw'igorofa yo hejuru.
Iyo nzu vyari vyatangajwe ko idakwije umutekano mu 2017 ariko itegeko ryo kuyisambura ryariyumanganijwe.
Abajejwe intwaro i Lagos bavuze ko bazotanguza itohoza ibikorwa vy'ubutabazi nivyahera.
Bavuga kandi ko abo bose bazosanga baragize uruhara mu vyatumye iyo nyubakwa itemba, bazokurikiranwa mu butungane.