Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RD Congo: Imyuzure n'ibihomoka vyahitanye 37
Ubutegetsi bwa Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) bwemeje ko niburiburi abantu 37 bapfuye, bahitanywe n'ibihomoka vy'imisozi hamwe n'imyuzure, inyuma y'imvura y'isegenya yaguye i Kinshasa ku wa gatatu.
Uwurongoye igisata c'ubuvuzi mu ntara, Dominique Weloli yabwiye ikinyamakuru co muri ako karere kw'ibikogwa vy'ubutabazi bibandanya inyuma y'iyo mvura.
Ivyabona vyabwiye iradiyo ifashwa na Onu Okapi, ko mu bapfuye harimwo abana batanu bo mu muryango umwe batwawe mw'ijoro.
Imyuzure irakunze guhitana abanyagihugu b'i Kinshasa - mu gihe inzu nyinshi zubatse ku mitumba itategekanirijwe imiserege itwara amazi imvura iguye, bigatuma hatera ibihomoka n'imyuzure.