RD Congo: Imyuzure n'ibihomoka vyahitanye 37

Ivyondo vyatumye amabarabara adahita
Insiguro y'isanamu, Ivyondo vyatumye amabarabara adahita

Ubutegetsi bwa Repubulika Iharanira intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) bwemeje ko niburiburi abantu 37 bapfuye, bahitanywe n'ibihomoka vy'imisozi hamwe n'imyuzure, inyuma y'imvura y'isegenya yaguye i Kinshasa ku wa gatatu.

Uwurongoye igisata c'ubuvuzi mu ntara, Dominique Weloli yabwiye ikinyamakuru co muri ako karere kw'ibikogwa vy'ubutabazi bibandanya inyuma y'iyo mvura.

Ivyabona vyabwiye iradiyo ifashwa na Onu Okapi, ko mu bapfuye harimwo abana batanu bo mu muryango umwe batwawe mw'ijoro.

Imyuzure irakunze guhitana abanyagihugu b'i Kinshasa - mu gihe inzu nyinshi zubatse ku mitumba itategekanirijwe imiserege itwara amazi imvura iguye, bigatuma hatera ibihomoka n'imyuzure.

Ababa mu biyaya batewe kurusha n'amazi
Insiguro y'isanamu, Ababa mu biyaya batewe kurusha n'amazi
Imvura yatumye abantu babura aho baca
Insiguro y'isanamu, Imvura yatumye abantu babura aho baca