Bamwe mu bafise ubumuga mu Burundi baranse kwicara bagasegereza, bahitamwo gukora

Gatabo George
Insiguro y'isanamu, Gatabo George ahora ajabukana ibidandazwa birimwo ifu, amakara, ibinyobwa, ibigori n'ibindi

Mu Burundi abantu bagendana ubumuga batanguye kunyurwa n'umugambi wo kwiteza imbere kuruta kuja mu vyo gusegerereza.

Bamwe muri bo bajabukana ibidandazwa bitandukanye muri Repubulika ya Demokrasi ya Kongo bakongera bakinjiza mu Burundi ivyo bakuye hakurya.

Bakoresha amakinga yabo ngo kandi ico gikorwa kibatungiye imiryango.

Ariko naho bimeze gutyo bavuga ko bitaborohera iyo bageze ku mupaka nk'uko babibwiye abanyamakuru ba BBC.

Umwe muri bo ni Gatabo George, yahuriye na BBC hafi y'umupaka, ari kugakinga kiwe, ariko arasunikwa n'umusore akiri muto.

Ibidandazwa bakunze kujabukana bigizwe n'ifu, amakara, ibinyobwa, ibigori n'ibindi.

Mu Burundi abagendana ubumuga kenshi usanga batoroherezwa
Insiguro y'isanamu, Mu Burundi abagendana ubumuga kenshi usanga batoroherezwa

Ariko ngo ingorane nyamukuru bafise ngo nuko ku mupaka batozwa amatagisi n'amakori ku rugero rumwe n'abakomeye bigatuma bagira uruhombo. George abona ko inzego zikwiye kubatunganiriza.

Yagize ati: 'Nka jewe birangora cane kubera ntegerezwa kuba mfise umusore ansunika. Iyo ndonse n'igihumbi c'inyungu duca tukigabura.

"Ariko abakomeye nta n'umwe bagabura. Abaraba imipaka bakwiye kutworohereza. Hari n'igihe usanga badusaba kubafumbatisha".

Abo bagendana ubumuga iyo babuze udufaranga bahemba imisore ibasunika, baca bimenya mu gutwara amakinga yabo bakoresheje amaboko. Ivyo navyo ngo biraruhisha cane.

Andre Nibitanga
Insiguro y'isanamu, Andre Nibitanga, kw'ikinga akoresha mu rudandazwa rwiwe

Andre Nibitanga yabwiye BBC ati: "Turaruha cane. Uravye ibiganza vyanje womengo ndi wa muntu yirirwa ararima. Ariko ni kubera gutwara iri kinga gusa".

Mu runani rw'abagendana ubumuga mu Burundi, FAPHB, ingorane abo badandaza bafise barayizi.

Cassien Bizabigomba arurongoye avuga ko baherutse kwandikira ubushikiranganji bwo gufatana mu nda kugira bubafashe.

Yemeza ko uwugendana ubumuga bimugora cane kujabukana ibidandazwa kubera bisaba ko arondera ababimwiremekera.

Andre Nibitanga, umwe mu bagendana ubumuga akora urudandazwa
Insiguro y'isanamu, Andre Nibitanga avuga ko bakora amabavu akabica

Ivyo rero ngo bituma akoresha amahera menshi kuruta abakomeye.

Cassien Bizabigomba yabwiye BBC ati: "Umuntu agendana ubumuga iyo ashaka kujabukana ibidandazwa bimusaba ko arondera umuntu akomeye avyikorera.

"Uca usanga amuhemvye amahera y'umurengera kandi akiyongera ku matagisi n'amakori batozwa ku mupaka. Urumva ko bataba bafashwe co kimwe n'abantu bakomeye.

"Twarandikiye ubushikiranganji tubusaba ko bwodutunganiriza ariko inyishu ntiturayironka".

BBC yagerageje kurondera abo mu bushikiranganji bwo gufatana mu nda ariko ntiyashoboye kubaronka.