Icirwa cerekana ko abapfasoni bo muri Kenya 'bahatirwa kwica abana bavukanye ubumuga'

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu cigwa gishasha cakozwe, hafi ica kabiri c'abapfasoni bo muri Kenya bavyaye abana bafise ubumuga barahatiwe kubica.
Muri ayo matohoza yamaze imyaka ibiri, yakozwe n'ikigo mpuzamakungu giharanira agateka k'abagendana ubumuga 'Disability Rights International', basanze abo bapfasoni aribo batako amakosa ku kungene abo bana bameze.
Abarenga ibice bibiri kuri bitatu vy'abapfasoni babajijwe, bavuze ko abana bavukanye ubumuga bafatwa nk'umuvumo.
Babwiye abakoze ayo matohoza ko bagirizwa ko ari abacumuzi - akaba ari bo babateye imivumo.
Umwe yavuze ko nakuru yamusavye ko atera inshinge umuhungu wiwe mu mitsi, kugira apfe buhoro buhoro.
Uwundi nawe bamusavye guha ubumara umwana wiwe.
Ico cigwa ariko ntigitanga igitigiri c'abavyeyi baruhiye kwica abana babo bavukanye ubumuga.
Ariko BBC yarabwiwe ko ubwicanyi mu miryango bubaho mu mpisho, kandi ko kaba akamizwe n'ingoma.
Henshi kw'si aho bahora bica abana babo mu miryango muri kahise, barahevye uwo mugenzo mubi.
No muri Kenya birabujijwe.










