Amerika yemereye agashimwe uwuzotanga amakuru kuri Hamza, umuhungu wa Osama Bin Laden

Hamza Bin Laden, umuhinga w'umuhisi yahoze ari umukuru wa Al Qaeda, Osama Bin Laden

Ahavuye isanamu, EPA

Insiguro y'isanamu, Hamza Bin Laden aronderwa bukware na Leta Zunze Ubumwe za Amerika

Leta Zunze Ubumwe za Amerika yemereye agashimwe kangana n'umuliyoni w'amadolari ku muntu azotanga inkuru kuri umwe mu bahungu ba Osama Bin Laden yahoze arongoye umuhari al-Qaeda.

Abategetsi bavuga ko Hamza Bin Laden ariwe aboneka ko agiye kurongora uyo muhari.

Bizwi ko yoba asanzwe aba hafi y'urubibe rwa Afghanistani na Pakistani.

Mu myaka iheze, yarasohoye ubutumwa abucishije kw'ireresi n'amajwi aho yahamagarira abanywanyi ba al-Qaeda gukora ibitero kuri Amerika hamwe n'incuti zayo z'Ubulaya bw'uburengerazuba kugira ngo bahore se wiwe.

Amerika yarashize Hamza Bin Laden, ubu yoba afise imyaka 30 y'amavuka, ku rutonde rw'intagondwa kw'isi.

Amerika ivuga ko yarongoye umukobwa wa Mohammed Atta, umwe mu bafashe mpiri imwe mu ndege yakoreshejwe mu bitero vyo mu mwaka wa 2001, ikaba yasetse umunara umwe wa World Trade Center mu gisagara ca New York.

Gushika ubu ntawuzi aho Hamza Bin Laden aherereye

Ahavuye isanamu, REWARDFORJUSTICE.NET

Insiguro y'isanamu, Gushika ubu ntawuzi aho Hamza Bin Laden aherereye

Amakete yasizwe na Osama Bin Laden akaba yafatiwe mu rupangu iwe yerekanye ko yari yateguye Hamza - azwi ko ari umuhungu wiwe yakunda cane - kumusubirira ku burongozi bwa al-Qaeda.

Hamza Bin Laden azwi ko yabanye na nyina wiwe mu gihugu ca Iran, ari naho yoba yararongoreye, aho ni mugihe ayandi makuru avuga ko yoba yarabaye mu bihugu vya Pakistani, Afghanistani canke Syria.

Umuhari wa Al-Qaeda wavukiye mu gihugu ca Afghanistani mu myaka ya 1980, ushinzwe na Osama Bin Laden kugira ngo afashe abarwanyi bari bazwi kw'izina rya mujahideen bari bashigikiwe na Amerika mu ntumbero yo kurwanya abarusiya bari biganziye ico gihugu.

Mu nyuma Al-Qaeda yaje kuba umuhari ukomeye watangaje ko utanguye "intambara ntagatifu" ku banyamerika, abayaduhi hamwe n'incuti zabo za Bulaya y'Uburengerazuba.

Mu mwaka wa 2011, ingabo zidasanzwe za Amerika barishe Osama Bin Laden mu nzu yari arimwo mu gisagara ca Abbottabad muri Pakistani.

Yari yarekuye ko haba igitero kuwa 11 z'ukwezi kw'icenda mu mwaka wa 2001, igitero cahitanye abantu hafi 3000.