Intumwa ya Amerika Biegun iri mu rugendo i Pyongyang mu biganiro vya "nucléaire"

Stephen Biegun

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Stephen Biegun yashitse muri Korea Yepfo itariki 3 Ukwezi kwa Kabiri mu 2019

Intumwa ya Amerika iri mu rugendo i Pyongyang, Stephen Biegun, itegekanya kugirana ibiganiro n'ubutegetsi bwa Pyongyang ku munsi wa Gatatu mu ntumbero yo gutegura inama ya kabiri hagati ya Donald Donald Trump na Kim Jong-un.

Stephen Biegun avuga ko afise intego yo gutunganya ikirangamisi cokurikizwa mu kugabanya ibigwanisho ruhonyanganda muri Korea ya Ruguru.

Iyo nama itegekanijwe mu mpera za kuno kwezi, igashobora kubera mu gihugu ca Vietnam.

Urwo rugendo rwa Bwana Biegun rushitse mu gihe hari icegeranyo ca ONU kigabisha Korea ya Ruguru guca ku ruhande ibihano, ikanabandanya umugambi wayo wa "nucléaire".

Umukuru wa Amerika Trump na Bwana Kim bahuriye i Singapour mu kwezi kwa Gatandatu, umubonano wakurikiwe cane, unatuma haba icizere, ariko ntiwagira ikivamwo kiboneka.

Impande zose ziyemeje kugabanya ibigwanisho ruhonyanganda, ariko nta ruhande na rumwe rwavuze ingene ivyo vyoja mu ngiro canke vyokurikiranwa.

Kim Jong-un na Donald Trump i Singapour (12/06/2018)

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Inama ya Kim na Trump yavuzwemwo vyinshi ariko ni bike vyashikirijwe ku kungene ivyo bumvikanye vyoja mu ngiro

Abahinga baragabisha ku majambo Bwana Trump aheruka gushikiriza ko Korea ya Ruguru ata bwoba igiteye ku bijanye n'ibigwanisho ruhonyanganda, kandi ico gihugu kitarigera kivuga ko kigiye kuvavanura n'umugambi waco wa "nucléaire" mu gihe Amerika nayo nyene itoba igize mwenuko.

Gukomeza ibihano

Bwana Biegun agiye i Pyongyang amaze kugirana ibiganiro n'abategetsi ba Korea Yepfo, akaba yavuze ko yipfuza gushika ku kintu kiboneka.

Ubushikiranganji bw'imigenderanira ya Amerika n'amakungu bwavuze ko urugendo rwiwe "ruzotuma ivyo perezida n'indongozi Kim biyemeje i Singapour bitera bija imbere."

Amerika yipfuza ko Korea ya Ruguru ivuga ku mugaragaro ibigwanisho ruhonyanganda itunze, ikiyemeza kubisambura ihagarikiwe n'amakungu - ivyo navyo Korea ya Ruguru ikaba itigeze ivuga ko izobikora.

Mw'ijambo yashikirije kuri Kaminuza ya Stamford mu ndwi iheze, Bwana Biegun yavuze ko Amerika idashobora kwemera gukuraho ibihano ivyo bitabaye, ariko avuga ko izofasha mu bundi buryo, avuga ngo: "Ntitwigeze tuvuga ko ataco tuzokora kugera igihe ukoze vyose."

Yavuze kandi ko Kim Jong-un aheruka kwiyemeza gusambura ibibanza vyose vya Korea ya Ruguru vy'ubumara bwa "pluton na uranium", bituma hakogwa ibigwanisho vya "nucléaire".

Ivyegeranyo vy'akanama ka ONU kajejwe umutekano vyasohotse ku munsi wa mbere bivuga ko Korea ya Ruguru ibandanya gukora ibigwanisho vyo mu bwoko bwa "missiles" hamwe na ruhonyanganda, igakingira ibibanza vyayo ngo ntibishobore kugabwako ibitero.