Korea ya Ruguru "ntishobora guhagarika ibigwanisho" igihe Onu na Amerika bayigumizako ibihano

Ahavuye isanamu, AFP
Umushikiranganji w'imigenderanire ya Korea ya Ruguru n'amakungu yavuze ko "ata kuntu" igihugu ciwe cokwiyambura ibigwanisho igihe Amerika igikomereza ibihano.
Ri Yong-ho yabwiye ikoraniro rikuru rya Onu, ko ibihano bituma Korea ya Ruguru ita icizere ifitiye Amerika.
Ubutegetsi bwa Pyongyang bumaze gusaba kenshi ko ibihano vya Onu n'ivya Amerika vyohagarikwa, bukaba bushigikiwe n'Uburusiya hamwe n'Ubushinwa mw'ico gikorwa.
Ariko ubutegetsi burongowe na Trump bwavuze ko ivyo bihano bikwiye kugumaho, gushika igihe Korea ya Ruguru izoba yakuyeho ibigwanisho ruhonyanganda.
Prezida Donald Trump n'indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un baragiranye umubonano mu kwezi kwa gatandatu, aho Bwana Kim yiyemeje gukuraho ibigwanisho vya "nucléaire".
Kuva ico gihe nta twigoro tuboneka turakorwa.
Ri yavuze iki?
Yavuze ko Amerika ishimikira ku "kubanza gukura ibigwanisho ruhonyanganda" vyatumye "ibihano bikomezwa".
"Aho ibintu vyakwamiye nuko Amerika ihagaze ku ngingo zituma icizere gipfa," niko Bwana Ri yabwiye iryo koraniro.
"Mu gihe ata cizere dufitiye Amerika, ntituzogira icizere ku bijanye n'umutekano w'igihugu cacu, mu gihe biri ukwo, nta kuntu ari twe tuzobanza kwiyambura ibigwanisho."
"Abibaza ko ibihano bishobora gutuma dupfukama ni nk'indoto y'abantu batatuzi neza," niko yabandanije avuga.
Hakozwe iki inyuma y'inama ya Singapour?
Mu masezerano yapfunditswe ico gihe, vyavugwa ko Korea ya Ruguru igiye gutangura kwiyambura ibigwanisho ruhonyanganda ariko nta kirangaminsi catanzwe, canke insiguro zirambuye z'ukuntu ico gikorwa cokurikiranwa.

Naho vyifashe ukwo, umukuru w'igihugu ca Korea Yepfo yaragize urugendo rw'iminsi itatu i Pyongyang mu ntango za kuno kwezi - urwa mbere umutegetsi wa Korea Yepfo agize kuri uwo mugwa mukuru mu myaka cumi irangiye.
Bwana Moon yavuze ko "yashoboye kwemeza ko indongozi ya Korea ya Ruguru yiyemeje kurangiza ibikorwa vyo kwiyambura ibigwanisho ruhonyanganda" kandi ko yavuze ko yipfuza gusubira guhura na Bwana Trump vuba.
Bwana Kim yemeye kandi ko agiye gusambura ikibanza kigeragerezwamwo ibigwanisho vyo mu bwoko bwa "missile" igihe Amerika nayo yokora nkuko.
Bwana Trump yavuze ko yiteze kugirana na Bwana Kim inama ya kabiri muri "kazoza katari kure".
Mu kwezi kw'umunani, Prezida Trump yagirije igihugu c'Ubushinwa gicuditse na Korea ya Ruguru, kuba intambamyi mu bikorwa vyo kurandurana n'imizi ibigwanisho ruhonyanganda kubera impari z'ubudandaji gifitaniye na Amerika.










