Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Sentare ya DR Congo yemeje ivyavuye mu matora biha intsinzi Tshisekedi
Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro muri Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo) yemeje intsinzi y'umukandida atavuga rumwe n'ubutegetsi Félix Tshisekedi.
Iyo sentare yahakanye urubanza rwashingishijwe na Martin Fayulu, uwundi mukandida atavuga rumwe n'ubutegetsi bahiganywe mu matora yo ku wa 30 Ukwezi kwa 12.
Bwana Fayulu avuga ko Bwana Tshisekedi yagiranye na Perezida Joseph Kabila amasezerano yo gusangira ubutegetsi.
Umugwi wa Bwana Tshisekedi urabihakana.
Naho intahe ya sentare yafashe ico cemezo, Bwana Fayulu avuga ko ariwe Perezida "w'ukuri".
Bwana Fayulu yasavye amakungu kutemera ivyashikirijwe ko vyavuye mu matora.
Ku munsi wa Gatanu, umuryango w'Ubumwe bwa Afrika wavuze ko hari "amadidane akomeye" ku vyavuye mu matora usaba Congo kuba iratenyenye gushikiriza ibitigiri vya nyuma.
Ubutegetsi bwa Congo ntibwavyemeye.
Umuvugizi wa leta, umushikiranganji Lambert Mende, yasiguye ko atari akazi ka Leta n'imwe, yaba na Leta ya Congo canke Ubumwe bwa Afrika ko kubwiriza inzego zitunganya amatora ico zitegerezwa gukora.
Abakuru ba Angola, Tchad, Uganda, Afrika y'epfo, Ethiopia na Namibia, nibo bari bitavye inama idansanzwe yari yahamagajwe kuwa kane i Addis Abeba mu ntumbero yo kwiga ikibazo c'ibisikanya ku butegetsi muri Republika ya demokarasi ya Congo.
Vyitezwe ko intumwa z'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika zija mu rugendo mu gihugu ca Congo mu ntumbero wo kwumvikanisha abanyepolitike.