Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Trump na Kim Jong-un bimirije kubonana ubwa kabiri mu mpera z'ukwa Kabiri
Ibiro White House vyamenyesheje ko Perezida wa Amerika Donald Trump yimirije kubonana n'indongozi ya Korea ya Ruguru Kim Jong-un ubugira kabiri, mu mpera z'ukwezi kwa Kabiri.
Iryo tangazo risohowe inyuma yaho Bwana Trump abonaniye n'umuhuza mu biganiro wa Korea ya Ruguru, Kim Yong-chol ku biro White House.
Yari yitezwe gushikiriza Bwana Trump ikete rya Kim Jong-un.
Nta ntambwe iboneka yashitsweko ku vyo bumvikanyeko mu biganiro vy'i Singapour vyo mu kwezi kwa Gatandatu kurangiye ku vyerekeye ibigwanisho ruhonyanganda.
Ntivyamenyeshejwe aho iyo yindi nama izobera.
Binugwanugwa ko ishobora kubera mu gihugu ca Vietnam.
Urugendo rwa Kim Yong-chol i Washington ni ikimenyetso ko hari ibikogwa ku bijanye n'ikibazo c'ibigwanisho vya "nucléaire", nkuko bivugwa n'umumenyeshamakuru wa BBC, Barbara Plett Usher.
Ntawuramenya ikiri mw'ikete ryarungitswe na Kim Jong-un ariko abantu bibaza ko ryoba ririmwo insiguro z'ingene iyo nama ya kabiri yogenda, nkuko uwo mumenyeshamakuru abandanya avuga.
Perezida Trump avuga ko arindiranye igishika ivyo biganiro.
Umunyamabanga wiwe ku bijanye n'itangazamakuru Sarah Sanders, yavuze inyuma y'uwo mubonano wo mu biro White House ko hari intambwe mu biganiro bijanye no kugabanya ibigwanisho ruhonyanganda ariko yongera ati: "Leta Zunze Ubumwe za Amerika zizobandanya zishira umukazo n'ibihano kuri Korea ya Ruguru."