Judith, umunyamideli akomoka mu Rwanda, 'yifuza kuvugira umugore uwo ariwe wese ahohoterwa'

Igihe amafoto agaragaza ubwambure ya Judith Heard yakwiragizwa atabigishijwe inama mu mwaka uheze, ntiyatumye atabwa muri yompi gusa ahubwo yaranatutswe mu binyamakuru no ku mbuga hwaniro.

Kugirango akureho iyo ngeso yo 'guhana uwarenganijwe', ahamagarira abagore bo muri Uganda kuvuga batikanga amabi bakorerwa afatiye ku gitsina, ndetse bagafatana munda.

Ushobora gusoma iyi nkuru ikaguhungabanya

Yaje gukora ikibazo yitegurira kuronka akazi, yambaye ikanzu yatiye ifise agaciro ka £50,000.

N'umuntu akunda gutembera hirya no hino kw'isi kandi ahuza n'abandi, ari London kumurika imideri no gufasha mu bikorwa vy'amashirahamwe y'abagiraneza.

Uvyitegereza, ubuzima bwiwe buboneka ko butandukanye cane n'ubw'umuntu asanzwe wo mu karere ka Afrika y'ubuseruko.

Ariko hari ikintu kimwe Judith Heard asangiye n'abagore benshi b'abanya Uganda.

Ubushakashatsi bwakozwe mu 2016 bwasanze ibice 50% vy'abanya Ugandakazi bari hagati y'imyaka 15 na 49, barakorewe amabi yo kuborezwa igufa, canke afatiye ku gitsina n'abo babana nk'abagabo babo.

Heard, uwahoze yitwa Kantengwa mu bukumi bwiwe, yahuye n'ayo mabi yompi.

Gukwirakwiza amafoto yiwe ari gusa, akekwa ko yaturutse muri mudasobwa yibwe canke terefone - ni ica nyuma mu bindi bibi vyinshi yaciyemwo ari mu minwe y'abagabo nk'uko abivuga.

Ivyo ngo yamaze imyaka myinshi yaravyihoreye, kuko ngo yari 'yatinye kugira isoni canke kumaramazwa'.

Agira ati "ibi nivyo bishimikiza baducira imanza mu mitima, rero uravyigumizamwo ugasanga amaherezo vyatumye wononekara mu mutwe".

Ati "nahisemwo kuvuga inkuru yanje kugirango ngire umwidegenvyo' ati 'sinifuza kuzokwamana uyu mutwaro ubuzima bwanje bwose".

Bimwe mu vyo Kantengwa yibuka vyamubayeko kera, ni uko se yakubita nyina, ahava arahukana atinya kuhasiga ubuzima.

Ivyo vyatumye Kantengwa yimukira iwabo wa se mu Rwanda ku myaka umunani y'amavuko, arerwa na inakuru igihe se yiciwe muri jenoside yo mu 1994.

Mu Rwanda niho yafatiwe ku nguvu ubwa mbere - afise imyaka 15, yononwa n'umuntu wo mu muryango kandi muhira iwabo, buca arangiza ibibazo vy'umwaka w'ishure.

Inyuma yo gukora ico kibazo ca nyuma bukeye, yaciye atoroka ntiyasubiye muhira.

Kantengwa yisanze ageze mu murwa mukuru Kigali, aho yahungiye mu karere ka Nyamirambo, aho yita mu 'kibanza c'abasazi' .

Aho yaciye yinjira mu mugwi ukina umuziki.

Avuga ko uwashaka wese kuza aho yaca yinjira, akaronka aho aryama, ico afungura, n'ubwo ataririmbira amafaranga, ngo yari abayeho mu gusabikanya n'abandi utwo bafise.

Ku myaka 17 y'amavuko, Kantengwa yaronse akazi mu kabare kanyweramwo abakire, aza kumenyekana nka 'wa mukobwa w'Umugandakazi mwiza kandi avuga icongereza.'

Ku mafranga yahembwa, yarashoboye kwirihira uburaro bwiza.

Ibintu vyasa n'ibiriko biraja mu nzira nziza...

Haje umugore amusezeranira kumuronderera ubuzima bwisununuye, basezerana guhura ngo bajane i Goma muri Congo, aho yamubiwra ngo ushobora guhura 'n'umuntu mwiza... azogufata neza".

Ayo mahirwe yari agoye kugisha, Kantengwa agira ati: "Nari nkiri umukobwa muto, nshaka ubuzima, no kubona amafaranga, umunsi uri izina nkazogaruka kuraba umuryango wanje."

Mw'ijoro ryiwe rya mbere mu gihugu c'amahanga, yambaye ikanzu nziza y'ipasura ku ruhande, ajana mu buriro n'uwo mugore bahuye mu Rwanda na beganzi we, na nyene iresitora.

Barangije gufungura, umugambi kwari kurondera aho baja guteramira mu mazu y'ubutambiro.

Yashatse kujana n'abo bagore ariko baravyanka, bamusaba gusigarana n'uwo mugabo nyene resitora.

Yapfuye kuvyemera atinya, amaze gutahura ko abo bagore bakuze bamutwaye bazi neza impamvu.

Igihe uwo mugabo yarengana iyo nzu y'ubutambiro, Kantengwa abonye idahagaritse imodokari yaratangaye, amubiwra ati 'oya oya oya, hagarara hagarara, ni hano'.

Uwo mugabo yabwiye Kantengwa ko adashaka guhagarika imodokari yiwe ahabona kuko afise umugore akanka ko abantu bamubona, ko agiye kuraba aho ayikinga mu mbavu.

Kantengwa ntiyahavuye ashika aho yari agiye gutamba, bururutse bafashe akagendo gato, niho yumva umuntu amukubise mu mutwe, aca arata ubwenge.

Ntiyifuza no kuvyibuka, uretse no kubivuga.

Avuga ko yikanguye asanga inkoho yo mu bwoko bwa AK47 ku mutwe.

Abasirkare babiri bamufashe ku nguvu bamukuranwako, mu gihe uwundi yari amufatiyeko inkoho ku mutwe.

Yuzuye urushanga bamuvayanzemwo n'amaraso, Kantengwa yasubiye kuri hoteri, akibaza ko umugore yari yamuzanye yari yagenewe amafaranga na nyene iyo resitora, 'kuko yari yamutanze nk'imari', ati 'nari nka diyama bari bazaniye uwo mugabo'.

Inyuma yo kwereka igipolisi abamufashe ku nguvu, yasubiye i Kigali, afise intumbero yo kuja i Kampala muri Uganda kuraba nyina na mwene wabo, ngo ahebe yicare hamwe.

Afashijwe n'umunyamahanga, Max (si ryo zina ryiwe ry'ukuri) bahuriye i Goma ijoro rya mbere, Kantengwa yarashoboye kubatora.

"Yagize ati, 'Natoye mwene nyoko, natoye na mama wawe, rero bose bameze neza. Nshaka ko uza Kampala ukambera umukunzi', uko niko Kantengwa avuga ko vyagenze.

Kantengwa yari yakunze uyo mugabo wo muri Uganda, ariko rero avuga ko kwabaye nko "gusimbira mu wundi muriro... atari umuriro wo gufatwa ku nguvu, ariko umuriro wo kubana n'umugabo akwifuza bidasanzwe kandi igihe cose".

Max yarafasha Kantengwa mu buryo bw'amafaranga, ariko ntashake ko aja hanze wenyene.

Yaramwankiye gukora akazi no gutunga terefone, akagira ati "nategerezwa kwubahiriza amategeko yiwe, nta mahitamwo nari mfise".

Kuja hanze kwiwe kwari ukujana na Max kuramutsa mwene nyina, canke kujana nawe mu bubare no mu ma resitora.

Aha niho Kantengwa yatanguriye kumenyana n'abandi bantu, atangura kubonwa n'abantu bitaho kumurika imideri no gufata amafoto, ariko ivyo Max vyaramubabaje cane.

Umunsi umwe yamufatiyeko inkoho mu bantu, avuga ko amukubita bashitse muhira.

Yaciye ahungira kwa murumunawe, ariko arahava asubira kwa Max amaze kumusaba ikigongwe.

Kantengwa agira ari: 'Iyo ukiri muto wibaza ngo ariko arwana kuko ankunda.' 'Ariko ubu ndavyibutse, mbona ko ari imigenderanire itari myiza ahubwo ryari ihohoterwa.'

Mu nyuma yahavuye yahukana na Max, Max amaze kuryamana na muvyara we - ariko no ngaho yaguma amwinyegeza.

Ngo yahora yama anyonga imodokari yiwe yerekeza kwa mwene nyina kuraba ko Kantengwa ariho ari, bigatuma bose bihisha kugirango ntamenye ko ariho bari.

Max amaze kuva mu buzima bwiwe, Kantengwa yabonye ubwisanzure, arimuka abana n'abandi bakobwa bangana, atangura gusohoka mu mazu y'ubutambiro bagataha bukeye.

Muri ico gihe nyene, umwuga wiwe wo kumurika imideri wariko urakura.

Yari amaze gukunda umwidengemvyo ubu buzima yarimwo bwamuha.

Guhura na Richard Heard

Igihe ku myaka 19 y'amavuko, yahura n'umunyamerika w'imyaka 54, Richard Heard, yabanje kumubenga yivuye inyuma.

Heard nawe yari azi aho amufatira; nyina wa Kantengwa yari agwaye cane ico gihe.

Richard yamwemereye kumuvuza, no kurihira amashure murumunawe muri kaminuza, eka no gufasha umuryango wose.

Kantengwa agira ati "nari ntanguye kumukunda kubera uko yamfata".

Inyuma y'imyaka yamaze adatekaniwe kandi agirigwa nabi, Kantengwa yabonye ko ico cari co gihe ciwe co kuronka amahoro n'ubuzima bwiza, atarinze kuruha.

Yabona ko kutifuza amafranga vyari gutuma akora ico akunda, kandi kwumva ko afashwe neza vyaramuhumuriza.

Kurongorwa n'umuzungu atunze vyatumye Kantengwa arushaho kumenyekana, ariko kandi bimuzanira isegenya y'abamunegura ku mugaragaro.

"Abambona banyita ko nkurikira igiceri', uko niko Kantengwa avuga, ati 'aho naca hose baravuma'.

Mu gihe Kantengwa yari amaze kuvyarana na Heard abana batatu, n'uwundi bari bareze, bafise inzu nziza n'imodokari nyinshi, naho nyene Kantengwa avuga ko ata mwidegemvyo yari afise.

Umugabo wiwe ntiyifuza ko aja hanze wenyene, akabona ko atari agifise ubwisanzure kuko yategerezwa umwanya wose kwiyumvira nimba ashobora kwambara impunzu iyi canke iriya, kubera kumbure umugabo wiwe ataza kuyikunda, canke kugira ico yandika ku mbuga hwaniro kuko atinya ko ashobora kutagikunda.

Inyuma y'imyaka 11 baravanye, Kantengwa akavuga ko yaciye yumva ko agiye gutangura ubuzima butagiramwo inzitizi.

Amafoto y'ubwambure...

Ariko rero amafoto yiwe y'ubwambure amaze gushirwa ahagaragara vyamuviriyemwo kunegurwa kandi kuruta uko vyigeze kuba hambere.

Ayambere yagiye hanze mu 2013, ariko aza gutangazwa mu kwezi kwa gatanu umwaka uheze, bituma atabwa muri yompi hisunzwe amategeko ahana amashusho y'ibiterasoni mu gihugu ca Uganda.

N'ubwo ashobora gutembera, yashizwe mu mwidegemvyo vy'agateganyo mu kurindira ko sentare ishinga isango, akaba shobora guhanishwa umunyororo w'imyaka ibiri.

Yavuze ati: "Abantu benshi baranciriye urubanza, ibinyamakuru biranyizizira".

Afise abanywanyi bagera ku bihumbi ijana na mirongo itandatu kuri Instagram (160,000 ) - kandi n'aho bamwe bakimwemera, hari abandi banegura ivyo ahitamwo mu buzima bwiwe ku mbuga hwaniro, bakahasiga amajambo yo kumunegura.

Mu kwezi kwa gatanu umwaka uheze, igihe ayo mafoto yiwe yakwiragizwa, umwe mu bamunegura yamwagirije ko ariwe yatanze ayo mafoto ubwiwe, ngo 'yishimishe', uwundi avuga ko ibihimba vy'irondoka vyiwe 'bidasanzwe'.

Ubu hoho ngo yama asanga bamuvuga bamunegura kuri vyose, kuva ku bwenge bwiwe kugeza ku biro apima.

Kantengwa agira ati: "Abantu barakuraba gusa batazi ivyawe, ugansanga hari abakunegura, ukibaza uti 'ubu barazi ivyo naciyemwo kugirango nshike aho ngeze?'"

Ariko kuvuga kwiwe gushobora kumurwiriza abansi aho gukwega abakunzi.

Abagore hirya no hino kw'isi usanga akenshi aribo batabwako umwikomo igihe bakorewe amabi, hano muri Uganda ho amategeko yaho yakije umuriro kuri ico kibazo.

Leta yashatse kwitwaza itegeko ribuza gukoresha amasanamu y'ibiterasoni, kugirango babuze abagore kwambara amajipo magufi.

Ariko rero vyaciye bijamwo ikibazo igihe abo bagore batanguriye kwamburirwa mu mabarabara.

Mu minsi iheze naho iryo tegeko ryashatse gukoreshwa mu gufata abagore baba bibwe amasanamu akandagazwa ku mvo yo kwihora.

Hari n'amategeko ya kera agikurikizwa mu ma sentare, akingira ikibaba abagabo bemeye kurongora abakobwa bafashe ku nguvu.

Ariko, Kantengwa, kuva aho aboneye ubushobozi buva mu kwubahuka kuvuga yitegereje ico isekeza ry'abagore ryo gutinyuka kuvuga amabi bakorewe bise #MeToo ku mbuga hwaniro, akizera ko ashobora gutuma abandi bagore n'abakobwa baja ahabona bakavuga amabi bakorewe.

Ati: 'Hamwe tworonka abatwumviriza bakemera ivyo tuvuga... vyokworosha igikorwa c'abagore'.

Ntagaya abagore kuba bari mu bamunebaguye kurusha abandi.

Ati: "Bangwanya kuko abagabo aribo batuma turwana, abagore barondera ko abagabo aribo bashima ibikorwa vyabo, ariko twari dukwiye ubwacu gushimishwa n'ivyo dukora."

Inyuma yo kurondera igihe kire kire umugabo 'bazobana mu munezero utagira iherezo', avuga ko ubu 'abayeho ubuzima bwiza, butagenzurwa na kahise canke umugabo n'umwe'.

Aho kurondera gukingirwa n'abagabo, yifuza ko abagore bumva 'bashobora kwikunda, bashobora gukundana hagati yabo... bakunga urunana mu kwubaka ubuzima bwiza kuri buri muntu wese'.

Kantengwa agira ati: 'Ngiye guhagararira buri mugore wese ariko aca mu bibazo adashobora guseruka ngo avugire ahabona' ati 'nshaka kubafasha', 'nifuza kubafata ukuboko'.