Uwutavuga rumwe na leta muri RD Congo avuga ko batazoganira ku vyavuye mu matora

Uwitoje mu kibanza c'umukuru w'igihugu muri RD Congo, Martin Fayulu, yagabishije abajejwe gutegura amatora "kudahirahira ngo banyegeze ukuri" mu gihe hari icuka kibi mu gihugu.

Ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu wa Republika ya Demokra ya Congo aheruka vyari vyitezwe kumenyekana kuri uyu w'Imana itariki 6 z'ukwezi kwa mbere, imbere yo kwimurirwa ku rindi sango

Fayulu yavuze "abanyagihugu ba Congo bamaze kumenya" ivyavuye mu matora yabaye itariki 30 z'ukwezi kwa cumi na kabiri.

Vyari vyitezwe ko ivyavuye mu matora bishirwa ahabona ku musi w'Imana itariki 6 z'ukwezi kwa mbere ariko vyungururijwe ku rindi sango.

Ayo matora yari ayo kurondera uwusubirira prezida Joseph Kabila, avuye ku butegetsi inyuma yo gutwara ico gihugu co mu karere k'ibiyaga binini mu kiringo c'imyaka 18.

Kabila yiyemeje ko ayo matora yari kuba mu myaka ibiri iheze azoba abaye aya mbere aho haba ihererekanywa ry'ubutegetsi mu nzira ya demokrasi muri RD Congo kuva ico gihugu kivuye mu minwe y'Ububiligi mu 1960.

Uwo yashize imbere ngo amusubirire muri ayo mabanga, yigeze kuba umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu Emmanuel Shadary, ahanganye n'abatavuga rumwe na reta Martin Fayulu, umugwizatunga adandaza igitoro hamwe na Felix Tshisekedi, umuhungu w'umunyepolitike akomeye aherutse kwitaba Imana.

Ku musi wa kabiri, Fayulu yavuze ko akanama kajejwe gutegura amatora (Ceni) gategerezwa "gutangaza ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu" yongerako ko:"Ivyavuye mu matora ntibishobora kuganirwako."

Umukuru w'akanama kajejwe gutegura amatora, Corneille Nangaa, yaheruka kuvuga ko amajwi ya bimwe mu bibanza vyabereyemwo amatora atari bwaharurwa.

Nangaa gushika ubu ataravuga aho azotangariza ivyavuye mu matora, yasavye abantu bose kurindira bihanganye mu gihe hari icuka kibi kibandanya gukwira mu gihugu kubera ugucererwa kuvuga ivyayavuyemwo.

Mu gihe ibintu vyifashe gutyo, ishengero katolika ryari ryarungitse abahagarikizi 40.000 rivuga ko ryamaze kumenya uwatahukanye intsinzi muri ayo matora.

Iyo mvugo yaranebaguwe bikomeye n'abategetsi ba reta ya Kabila.

Inyuma y'umusi umwe ayo matora abaye, interenet yarapfunzwe ku mugwa mukuru wa RD Congo, i Kinshasa, mu ngingo reta ivuga ko ari iyo kubuza gukwiragiza ivyavuye mu matora bidakurikije amategeko.

Mu kwezi guheze, prezida wa Amerika Donald Trump yatangaje ko yarungitse abasirikare 80 mu gihugu ca Gabon gucungera abanyamerika bari muri RD Congo mu gihe hokwaduka imidurumbanyo.

Abahiganywe mu matora ya prezida ni bande?

Bose hamwe abahiganiwe ikibanza c'umukuru w'igihugu ni 21, ariko bakuru bakuru ni batatu:

Kulikuwa na jumla ya wagombea urais 21 lakini wagombea wakuu ni watatu:

  • Martin Fayulu, Uwahoze arongoye ikigega c'ibitoro, yemereye abanyagihugu igihugu gteye imbere, ariko yinubwa n'abakene bibaza ko atazobibuka.
  • Emmanuel Ramazani Shadary, yahoze ari umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu ku ntwaro ya Kabila, yafatiwe ibihano n'ishirahamwe ry'u'ubumwe bwa Buraya bivuye ku nyifato yagize ku batavuga rumwe na reta mu myiyerekano yo mu 2017.
  • Felix Tshisekedi Tshilombo, Umwana w'umunyepolitike rurangiranwa aherutse kwitaba Imana, akaba yiyemeje kugwanya ubukene.