Umwumvikano muke hagati ya Cenco na Ceni ku bijanye no gushikiriza ivyavuye mu matora

Ahavuye isanamu, AFP
Inama y'igihugu y'abepiskopi "Conférence épiscopale nationale congolaise" (Cenco), yakurikiranye amatora ku ruhande rw'abanyagihugu muri Repubulika y'Intwaro rusangi ya Congo (RD Congo), ivuga ko ubutegetsi bwa Congo bwobibazwa igihe abanyagihugu boba bagumutse bitewe no kutabwigwa ukuri ku watsinze amatora.
Cenco yamenyesheje ku munsi wa kane ko izi uwatsinze amatora y'umukuru w'igihugu muri RD Congo, ariko ntiyavuga uwariwe.
Urwo rwego rwa Ekleziya Katolika rwasavye akanama kajejwe amatora mu gihugu "Commission électorale nationale indépendante" (Ceni), gushikiriza ivyavuye mu matora kisunze ukuri gushizwe ahabona n'amajwi abakandida baronse.
"Kuri ivyo, abanyagihugu ni baja mu migumuko, Ceni niyo izobibazwa", nkuko vyashikirijwe na Musenyeri Marcel Utembi igihe yariko arishura ku munsi wa Gatanu ku kete yari yarungikiwe n'umukuru wa Ceni.
Ku bwa Ceni, inyifato ya Cenco mu kugerageza kuvuga abatsinze amatora, bishobora guhimiririza abanyagihugu mu migumuko.
Umukuru wa Ceni, Corneille Nangaa yabandanije avuga ko Cenco "ariyo yobibwazwa yonyene" mu gihe ivyo ishikiriza bishingiye ku vyegeranyo bike kandi vy'imfatakibanza.
Akanama kajejwe amatora Ceni kavuze ko ibitigiri mfatakibanza vy'amatora bizotangazwa mu ndwi iza.
Vyitezwe ko ako kanama gasohora itangazo kuri uno wa Mungu, kavuga umunsi ivyo bitigiri vyotangigwako.










