Abagwanyi ba al-Shabab bamenyesheje ko ari bo bagize igitero mw'ikambi ya gisirikare ya Onu muri Somalia

Abantu batatu bakomerekeye mu gitero c'amabombe yatewe mw'ikambi nkuru ya Onu, irinzwe cane mu gisagara ca Mogadishu.

Onu yasohoye itangazo aho yiyamirije ico gitero.

Nk'uko biri muri iryo tangazo, ibimbobe indwi vyaguye muri iyo kambi ya Onu, bikomeretsa abakozi babiri ba Onu n'umwe yari yaje ku kiraka.

Oni ivuga iti:" Nta n'umwe yakomeretse cane."

Umugwi wa ki Islam wa al-Shabab uvuga ko ari wo wagize ico gutero.

Nicholas Haysom intumwa idasanzwe ya Onu muri Somalia yiyamirije ico gitero.

Yavuze ati:"Igitero c'uyu musi c'amabombe mw'ikambi ya Onu i Mogadishu gishobora kuba ari ukurenga ku mategeko mpuzamakungu agenga ikiremwa muntu, nka niyamirije bikomeye ico gitero kidafise ishingiro n'imwe ku bakozi bacu.

"Nta ntumbero n'imwe ya politike ishobora kuja mu ngiro ngo n'uko harinze kuba ibitero ku mashirahamwe mpuzamakungu afasha kugarukana amahoro, akanashigikira utwigoro twa reta. "

Ababibonye bavuga ko humvikanye ibintu biturika cane hamwe n'umwotsi mu kirere wava muri amwe mu mazu ari muri iyo kambi..

Abo bagwanyi bafitaniye ubucuti na al-Qaeda bamaze igihe bashaka gukura ku butegetsi reta ishigikiwe n'amakungu.

Ibitero biraba kenshi na kenshi ariko si kenshi bitumberezwa kuri Onu.

N'aho al-Shabab yatujijwe mu bisagara bikuru bikuru barimwo mu 2011, baracagenzura uturere twinshi two hagati mu gihugu.

Akarere katewe kazwi kw'izina rya Halane Centre, aho na ho hakaba hari ikambi nini cane ya gisirikare irimwo abasirikare bo mu bihugu bitandukanye.

Hari kandi inzu z'abaserukira ibihugu vya Buraya hamwe n'icicaro gikuru c'abasirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika (Amisom) bagiye kugwanya al-Shabab no gufasha reta y'ico gihugu, hamwe n'icicaro c'abasirikare ba Amerika.

Muri ico gihe nyene, Ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya ryahagaritse imfashanyo ku gipolisi co mu ntara yo mu bumanuko bwa Somalia kubera amatati afatiye kw'ihagarikwa ry'uwahoze ari icegera c'umuhari wa al-Shabab Sheikh Mukhtar Robow bu Mansur.

Intumwa ya Onu muri Somalia, Nicholas Haysom, yasavye reta ya Somalia gusigura ivyabereye mu gisagara ca Baidoa hagati y'itariki 13 na 15 z'ukwezi kwa cumi na kabiri.

Haysom yandikiye ikete umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu wa Somalia Mohamed Abukar Islow, avuga ku buremere bw'inkuru abasirikare bafashwe mu mugongo na Onu, aho hafashwe umukuru wabo.

Abantu 15 barahasize ubuzima igihe haba iyo mishamirano.

Ikete rya Haysom iravuga kw'ihagarikwa ry'abantu 300 bivugwa ko bagiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ifatwa rya Robow.

Bamwe mu bari mu myiyerekano barapfunzwe amasaha 48 u nyuma baza kurekurwa hagari y'itariki 18 na 22 z'ukwezi kwa cumi na kabiri.

Iyo ntumwa ya Onu yavuze ko imfashanyo ya Onu itangwa yishimikije kwubahiriza agateka ka zina muntu.

Uretse ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya, ibihugu vy'Ubwongereza, hamwe n'Ubudagi vyahagaritse imfashanyo vyayo ku gipolisi co muri iyo ntara yo mu bumanuko bushira uburengero.

Reta ya Somalia yariko irabuza Robow kwitoza mu kibanza ca prezida w'iyo ntara itariki 19 z'ukwezi kwa cumi na kabiri, ivuga ko agikurikiranwa n'amakungu.

Reta yashigikiye uwahoze ari umushikiranganji Abdiasis Laftagaren ari na we yatahukanye intsinzi.