Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igitero ca gerenade cakomerekeje abapolisi mu buraruko bwa Kenya
Abapolisi bane bakomerekeye mu gitero ca gerenade ku munsi wa Kabiri mu ntara ya Mandera, yatewe n'umuntu gushika ubu ataramenyekana.
Uwurongoye iyo ntara, Kutswa Olaka, yavuze ko uwo mugizi wa nabi yaciye yiruka, abapolisi bakomeretse bajanwa kuvugwa ku bitaro vya leta vy'aho i Mandera.
Abo bapolisi bo mu gisata c'uruja n'uruza, bariko bacungera umutekano ku mupaka igihe iyo nkozi y'ikibi yabatera gerenade.
Bwana Olaka yavuze ko amatohoza yo guhiga no kumenya iyo nkozi y'ikibi ariko arakogwa.
Akarere ka Mandera kari kamaze igihe kirekire gatekanye naho muri kahise kari icibare c'ibitero vy'umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, al-Shabab.