Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igisirikare ca Kenya cishe abagwanyi barenga 50 ba Al-Shabab
Igisirikare ca Kenya cavuze ko cishe abagwanyi barenga 50 b'umugwi ugendera ku vyiyumviro vya Islamu, Al-Shabab, mu gitero co mu bumanuko bwa Somalia.
Kivuga ko cafashe ibigwanisho n'amasasu, gisambura n'ikirindiro cabo mu ntara ya Badhaadhe muri Lower Juba.
Al-Shabab nta na kimwe irabivugako gushika ubu.
Ibihumbi vy'abasirikare b'aba Kenya bari mu mugwi w'Ubumwe bwa Afrika, ufasha kugarukana amahoro mu gihugu ca Somalia.
Benshi muribo bakorera mu bumanuko hafi y'urubibe rwa Kenya na Somalia.
Al-Shabab irakunze kujabuka ikagaba ibitero mu gihugu ca Kenya, ikanatera n'ibirindiro vy'abasirikare ba Kenya muri Somalia.