Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ababikira 2 bemeye icaha co kwiba amahera bakoresheje mu kuja i Las Vegas gukina akamari
Ababikira babiri bakora kw'ishure rya Katolika i California bemeye ko bivye ibihumbi amajana atanu y'amadolari bayakoresha mu kuja gukina akamari i Las Vegas.
Ababikira Mary Kreuper na Lana Chang bivye ayo mahera kw'ishure rya St James rya Katolika mu gisagara ca Torrance, hagufi ya Los Angeles, bayajana mu kamari.
Ko ari babiri, bivugwa ko ari somambike, bakuye ayo mahera kuri konte iriko amahera y'ishure hamwe n'imfashanyo.
Abo babikira, baherutse kuja mu karuhuko k'iza bukuru, bicujije kuri ico caha.
Mary Kreuper ni we yatwara iryo shure imyaka 29, mu gihe Lana Chang yakoze nk'umwigisha imyaka 20. Vyibazwa ko bivye ayo mahera mu kiringo n'imiburiburi c'imyaka cumi bakayakoresha mu ngendo no mu kamari.
Ku musi wa mbere, ishure rya St James rya Katolika ryavuze ko abo babikira "bicujije cane" ku vyo bakoze, yongerako ko n'aho igipolisi cabimenyeshejwe ata ngingo bazofatirwaUmukuru w'abo babikira bari mu muryango wa St Joseph w'i Carondelet, yanditse itangazo ku rubuga rwawo ati:"Abo babikira bemeye bitwaye nabi mu gukoresha amahera ivyo atagenewe kandi bemeye gufasha mu matohoza."
Wongeyeko ati:"Umuryango wacu uratewe umutima uhagaze kandi urababajwe n'ibi bintu, ukaba unasavye n'imbabazi ku kababaro ako ari ko kose wateye imiryango irereye kuri iryo shure."
Mw'ikete yandikiye abakirisu, umukuru w'isengero Michael Meyers yagize ati:"Ababikira Mary Margaret na Lana bicujije imbere yanje banansaba kubabwira ko batewe akababaro kanini n'ivyo bakoze bakaba banabasaba ikigongwe no kubavugira igisabisho."
Arishidiyoseze ya Los Angeles yavuze ko yabonye ko ayo mahera yanyurujwe iri mu gikorwa gisanzwe co kuraba uko amahera yakoreshejwe.
Abo babikira bakora ivyo mugushira amasheke y'amahera y'ishure hamwe n'ayandi yaba abonetse ku yindi konte idakoreshwa n'iryo shure.
Bivugwa ko abavyeyi bamenyeshejwe ivyo bintu mu ntango z'uku kwezi.