Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ingabo za UA zafashwe zagirizwa ubusuma
Abajejwe umutekano mu gihugu ca Somalia bafashe abasirikare batanu ba AMISOM hamwe n'abantusomalia cumi bagirizwa kugurisha ibikoresho vya gisirikare.
Umushikiranganji w'umutekano wo hagati mu gihugu ca Somalia,i, Mohamed Sheikh Hassan Hamud, yavuze ko abo basirikare b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afrika bafashwe bariko baragurisha ibikoresho vya gisirikare ku bantu bo muri Somalia, bigizwe n'igitoro hamwe n'ikoresho vyo gusambura ibibombe.
Mohamed Sheikh yabwiye abamenyeshamakuru mu ku mugwa mukuru Mogadishu ko, hari haheze imisi babakurikirana, igipolisi na co kibagirako amatohoza.
Ni ubwa mbere abasirikare bagiye kugarukana amahoro muri Somalia bafatwa bagirizwa amakosa kuva bashitse muri ico gihugu haraheze imyaka icenda.
Umushikiranganji w'umutekano wo hagati mu gihugu ca Somalia, Mohamed Sheikh, yemeje ko abo basirikare bagize urwo rudandazwa rutarekuwe, yongerako ko ingendo yabo yerekanye igituma habandanya kuba umutekano muke.