Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Kenya: Ubusuma budasanzwe muri Karen
Uwo mugore yivye amahera ashika ku bihumbi mirongo itatu na bitanu vy'amadorari, ku munsi w'Imana, mu gace ka Karen mu muji wa Nairobi.
Ubwo busuma bwayobeye abakora itohoza kubera uburyo bene kwiba bihuse.
Ubwo busuma bwatwaye umwanya utarenze iminuta icumi ndetse n'abacunze urwinjiriro ntibigeze baca ikanda ivyabaye.
Amasanamu yafashwe n'ivyuma vy'umutekano, yerekana uwo muntu yamabye nk' umubikira, avugana n'uwujejwe kwakira abantu, agaca yinjira bahejeje kumusaka.
Bamaze kumwugururira yaciye aja ku wubika amafaranga, nawe amuhereza agasandugu bayabikamwo, arakamuhereza.
Uwo musuma yigize umubikira yaciye yicara mu ntebe aragacuranura imbere yo guhaguruka agaca yigira.
Ibi bikurikiye ubundi busuma bukomeye bwabaye mu kwezi kwa cumi na rimwe, aho abasuma bo mu muji wa Thika, hafi y'aho Karen.
Abo basuma binvye umwobo w'imetero 30 bakinjira mu bubiko bwa banki aho bivye amadorari 500,000.