Ibihugu birenga 150 vyashize umukono ku masezearo yofasha kugenzura abimukira

Ibihugu birenga 150 vyasize umukono ku masezearo araba abimukira

Ahavuye isanamu, AFP

Insiguro y'isanamu, Ibihugu birenga 150 vyasize umukono ku masezearo araba abimukira

Mu nama iriko irabera i Marrakesh muri Maroc, ibihugu birenga 150 vyashize umukono ku masezerano yo kugenzura abimukira.

Amasezerano ya Onu atari itegeko ko ashirwa mu bikorwa, yemerejwe muri Maroc, ariko yinubwe na bimwe mu bihugu harimwo na Amerika.

Intumbero y'ayo n'ugukorana neza ku mbibe no guha abimukira ibintu vy'ibanze bikenewe.

Abanebagura ayo masezearo bavuga ko azotuma abashaka kwimukira mu bindi bihugu biyongera ariko umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Guterres yavuze ko ayo masezerano yisunze imigenderanire hamwe n'uruja n'uruza ruhasanzwe.

Yavuze ko "ari ibiterasoni kuri bose" kubona abimukira 60.000 barapfiriye mu rugendo bagana i Buraya kuva mu mwaka wa 2000.

Ibihugu vyose biri muri Onu, kiretse gusa Amerika bazoheraheza ayo masezerano mu kwezi kw'indwi.