Igitabo Becoming ca Michelle Obama kigeze kw'isonga mu kugurishwa mu minsi 15

Ahavuye isanamu, Getty Images
Igitabo Becoming c'uwigeze kuba umupfasoni wa mbere muri Amerika, Michelle Obama, kigeze kw'isonga mu kugurishwa muri Amerika no hanze muri iyi minsi 15 inyuma yaho gisohorewe.
Ikigo NPD BookScan cavuze ko hamaze kugurishwa ibitabo imiliyoni zibiri muri Amerika no muri Canada.
Ivyo bitigiri vyerekeye ukugurishwa kw'ico gitabo vyatangajwe n'ikigo Penguin Random House ku munsi wa gatanu.
Uwasohoje ico gitabo avuga ko cagurishijwe cane no mu bindi bihugu birimwo Australia, Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi, Korea na Afrika Yepfo.
Ico gitabo kivugwamwo ubuzima bw'umuryango w'aba Obama imbere n'igihe wari ku kirimba White House, Michelle ari umupfasoni wa mbere w'umunyamerikakazi afise amamuko yo muri Afrika, Barack nawe ariwe mukuru w'igihugu wa mbere w'umwirabure.
Muri ico gitabo Madamu Obama arahishura ingorane zabaye yubakanye na Barack, avuga mu buryo burambuye ingene uwo muryango wigeze kugira ivyago imbanyi iravamwo, n'ingene wahavuye ukoresha uburyo bwo gusamishiriza hanze "in vitro fertilisation" (IVF) ku bana bose ufise, Malia na Sasha.
Uwo mukenyezi w'imyaka 54 yaraneguye na Perezida wa Amerika Donald Trump, yandika avuga ko adashobora "kumugirira ikigongwe" mu kuba yashize umutekano w'umuryango wiwe mu kaga avuga ku bijanye n'amavukiro y'umugabo wiwe, aho yavuze ko atavukiye muri Amerika ko adakwiye kwitwa perezida w'ukuri wa Amerika.






