Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubugenzacaha bw'u Rwanda bweretse abanyamakuru Phocas Ndayizera yari yaraburiwe irengero
Ibiro vy'ubugenzacaha mu Rwanda, RIB, bivuga ko vyafashe umunyamakuru Phocas Ndayizera bimwagiriza kugira uruhara mu bikorwa vy'iterabwoba.
Aho yavugisha abamenyeshamakuru i Kigali, umuvugizi w'ivyo biro, Modeste Mbabazi, yavuze ko bwana Ndayizera yafashwe kuwa gatatu itariki 21/11/2018.
Ngo yafashwe ariko arahabwa ibintu biturika, abajejwe umutekano bakavuga ko vyari gukoreshwa mu gutega imitego.
Bwana Ndayizera yagaragaye ariko amapingu kandi abanyamakuru berekwa ikarato irimwo ibiturika; akaba yavuze ko ivyo biturika atari bwabikubite ijisho na rimwe.
Umuvugizi w'ibiro RIB yavuze ko uwo munyamakuru yafatiwe hamwe n'abandi bakekwa, ariko aba ari we yerekwa abanyamakuru kuko ibura ryiwe ryari ryatangajwe cane.
Phocas Ndayizera azwi kuba yarakoreye ibitangazamakuru bitandukanye, akaba kandi yarakoreye BBC Gahuzamiryango nk'uwikorera ku giti ciwe (freelance), ubwo yaheruka kuyikorera hakaba hari mu kwezi kwa gatandatu.
Haciye indwi imwe umugore wiwe amenyesheje ko yaburiwe irengero.