Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuriro uguma wiha inkumbi muri Californie aho 42 ari bo bamaze gupfa muri kino gihe
Ibindi biziga 13 vyatowe muri leta ya California, vyatumye igitigiri c'abapfuye bahitanywe n'umuriro muri iyo leta ya Amerika kija kuri 42, nkuko ubutegetsi bwavuze.
Ivyo bisigarira vy'abantu vyatowe mu gisagara cahiye kirarangira ca Paradise, mu buraruko bwa leta ya Californie.
Niburiburi abantu 228 baracabuzwe irengero, mu gihe umuriro waturutse mw'ikambi uguma utema utongora.
Niburiburi amacumbi 7200 yarasambutse, ayandi 15500 akaba ageramiwe.
Uwo muriro uramaze kwonona vyinshi kurusha uwigeze kwibasira Griffith Park mu 1933, wishe abantu 31.
Avugira mu nama n'ibigo vy'itangazamakuru ku wa mbere ku mugoroba, umukuru w'igipolisi ca Butte County, Sheriff Kory Honea yemeje ico gitigiri c'abapfuye n'igitigiri gitangwa c'ababuzwe irengero.
Mu bumanuko bw'iyo leta, iyindi miriro y'ishamba igeramiye ubuzima n'amatungo.
Umuriro Woolsey Fire umaze kwica abantu babiri, wonona n'amahoteli ari ku nkengera n'ayari i Malibu.
Abanyagihugu barenga 300000 bo muri ako karere, vyabaye ngombwa ko bahunga ingo zabo, baja mu tundi duce.
Perezida Donald Trump yavuze ko habaye "impanuka ikomeye" muri iyo leta, bituma abanyagihugu bahabwa imfashanyo ivuye muri leta nkuru y'igihugu.
Abantu bapfuye gute?
Igisagara ca Paradise n'imicungararo yaco nivyo vyibasiwe n'uwo muriro w'ikambi - umuriro mwinshi cane - watanguriye mw'ishamba riri hafi yaho, ku munsi wa kane.
Bimwe mu biziga vyatowe mu miduga, aho abayigendesha baturiwe n'umuriro unyaruka bariko barahunga mw'ijoro.
Sorrell Bobrink, aba mu gisagara ca Paradise, yashoboye guhunga n'umwana wiwe mu modoka, yabwiye BBC ko yavyuwe yongera aburigwa n'umugenzi.
Ivyo yabonye ngo ni nk'"isinema y'umuhero w'isi atari bwabone", yongera avuga ko atibutse ko ariko agendesha imodoka mw'ijoro nk'uwuja mu rupfu canke mu bukiriro, mu gihe mu kirere hari hasigaye hirabura.
"Nacisha imodoka mu muriro - vyari bibishe kubona. Bwari ubwa mbere mbona ibintu bishisha nk'ivyo mu buzima," niko yabwiye igisata ca BBC Newsday.
"Vyari biteye ubwoba, twarahahamutse igihe kirekire. Abo tubana barahahamutse - numva ntoraba ayo ma videwo kuko nabiciyemwo."
Benshi mu bapfuye n'abatama hamwe n'abatamakazi canke abantu bari bafise ikibazo co kwiyunguruza, basanga bigoye kuva aho bari.
Uretse abantu, igipolisi catoye n'ibisigarira vy'imbwa, igisirikare kikaba catunganije uburuhukiro mu miduga aho abantu baja kuraba ibisigarira vy'ababo.
Bivugwa ko uwo muriro waturiye amahegitare 45000, ariko ukaba umaze kuzimwa ku bice 25%, nkuko bivugwa n'abo mu gisata co kugwanya umuriro.
Kubera iki iyo miriro ari mibi cane?
Mu mateka y'imiriro y'ishamba yo muri Californie, iyo miriro itangura mu ci igashika muri Nyakanga, ariko abahinga bakavuga ko ishobora gushika mu mpera z'umwaka.
Abahinga n'ubutegetsi bavuga ko igwirirana ry'ino miriro rituruka no kw'ihindagurika ry'ibihe.
Bulamatari wa leta ya Californie Jerry Brown yagize ati: "Bino si ibisanzwe bishasha, ni ibidasanzwe bishasha".
Ibihumbi vy'abazimyamwoto bamwe bavuye mu duce dutandukanye twa Amerika, barungitswe gufasha kuzimya uwo muriro.