Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuriro wadutse wishe 8 muri Portugal
Niburiburi abantu 8 bapfuye abandi baharugwa mu mirongo barakomereka, inyuma yaho ikintu gituritse gitumye haduka umuriro mu kibanza abanyagihugu bahuriramwo mu buraruko bwa Portugal.
Uwo muriro wadutse ahitwa Vila Nova da Rainha, watanguye igihe ibirika yo gushusha amazi yaturika, niko umukuru w'igisagara yavuze.
Abantu barenga 60 nibo bari muri ico kibanza, bakurikira urukino rw'amakarata, abandi baraba umupira kuri TV.
Uwo muriro waturiye idari, uca ukwira hose, abantu baratekegwa n'ubwoba.
Vila Nova da Rainha yegereye igisagara ca Tondela, ku birometero 260 mu buraruko bushira ubuseruko bwa Lisbone.
Umukuru w'igisagara ca Tondela, José António Jesus, yabwiye ikinyamakuru Público ko uwo muriro watumye haduka ivyotsi vyinshi vyo mu bwoko bwa "monoxyde de carbone".
Niburiburi abantu 35 bababaye, batandatu cane, benshi bafise ingorane zo guhema, nkuko itangazamakuru ryaho ryavuze.
Abahagiriye ingorane bajanywe ku bitaro i Lisbone na Porto, nkuko ikinyamakuru Diário de Notícias cavuze.