Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubwoba ni bwinshi muri Portugal kubera umuriro
Hari ubwoba bwinshi mu gihugu ca Portugal kubera ubushuhe burenze urugero bubandanya kwongerekana muri ico gihugu, bushobora gutuma haduka iyindi miriro, ubu umaze guhitana abantu mirongo itandatu na bane, mu karere ka Pedrogao, mu buraruko bw'igisagara ca Lisbon.
Ubutegetsi bw'ico gihugu buvuga ko ibice 70% vy'uwo muriro bamaze kuwuzimya, ariko ubwoba bafise n'uko ubushuhe buguma bwongerekana hamwe n'umuyaga ubandanya ukwiragira hose.
Abajejwe kugwanya umuriro w'icaduka barabandanya guhangana n'uwo muriro.
Ibigwati vyinshi vyacitse umuyonga.
Abantu benshi bapfuye bari mu modoka zabo igihe bariko baragerageza guhunga.
Abantu barenga ijana na mirongo umunani baramaze gukomereka.