Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Esperance yegukanye igikombe c'imigwi ya mbere muri Afrika ubugira gatatu
Umugwi Esperance wo mu gihugu ca Tuniziya wegukanye ubugira gatatu igikombe ca Afrika c'imigwi yabaye iya mbere iwabo, mu gutsinda Al Ahly wo mu Misiri 3-0 ku munsi wa gatanu i Radès .
Umukinyi w'imyaka 24 Saad Baguir niwe yashikanye uwo mugwi ku ntsinzi, mu kwinjiriza Esperance ibitsindo bibiri.
Uwitwa Anice Badri niwe yinjije igitsindo ca gatatu, bituma umugwi Esperance ugira 4-3 mu nkino zose.
Umukinyi Baguir yahora ashigwa kenshi ku ntebe y'abasubirira, yashoboye gutangura gukina mu rukino rwa kabiri rwa finale bitewe nuko umukinyi Franck Kom yahagaritswe.
Umugwi Esperance wari watsinzwe 3-1 mu rukino rwa mbere, inyuma yaho Ahly yinjirije ibitsindo bibiri vya penaliti vyahaririweko.
Bubaye ubwa gatatu uwo mugwi utsindira igikombe c'imigwi yabaye iya mbere iwabo, inyuma yaho ugitwariye mu 1994 no mu 2011.
Umugwi Esperance ugiye guhiganwa mu gikombe c'isi c'imigwi, ihiganwa ritegekanijwe mu kwezi kwa 12 mu gihugu ca Emirats Arabes Unis.