BBC Nairobi: Ibiro vya mbere binini hanze y'Ubwongereza vyuguruwe uno munsi

Ahavuye isanamu, Armstrong Too
Itororokanirizo ry'amakuru BBC uno munsi ryuguruye icese ibiro vyaryo vya mbere binini hanze y'igihugu c'Ubwongereza mu gisagara ca Nairobi muri Kenya.
Abamenyeshamakuru bashika 300 ku bamenyeshamakuru 600 ba BBC bakora ku mugabane wa Afrika, bakorera mu biro biri ku mugwa mukuru Nairobi bitunganijwe kijambere.
"Uburyo twakoresheje bugiye gufasha kwigisha uruvyaro rukurikira rw'abamenyeshamakuru b'abanyafrika ku rugero mpuzamakungu," niko Francesca Unsworth, umuyobozi w'igisata c'amakuru, yavuze.
Amahera imiliyoni 376 z'amadolari ($376m) niyo yasohowe na leta y'Ubwongereza mu gukora ivyo biro bishasha.
Igice gitunganirizwamwo amakuru n'ibiganiro kigizwe na situdiyo ya televiziyo hamwe n'ibibanza bibiri vyo gutangarizamwo amakuru, situdiyo zibiri z'iradiyo, ibibanza bibiri vy'abakora mu gisata c'iradiyo hamwe n'ibibanza bitanu vyo guteguriramwo amakuru n'ibiganiro vya televiziyo.

Itororokanirizo ry'amakuru rikuru rya BBC "BBC World Service" ryuguruye ibiro vy'i Nairobi mu 1998.
"Uno munsi turiko duhimbariza abamenyeshamakuru b'abanyafrika hamwe n'abategura ibiganiro bagiye gushira imbere ubumenyi bw'akazi, ukuvuga amakuru ukwari no kudahengama muri kazoza," niko Rachael Akidi Okwir arongoye igisata c'indimi mu karere ka Afrika y'ubuseruko yavuze.


Indimi zikoreshwa mu biro vy'i Nairobi:
- Icongereza gikoreshwa mu kazi
- Igiswahili gikoreshwa mu karere ka Afrika y'ubuseruko na hagati
- Igisomali gikoreshwa mu gihugu ca Kenya no muri Somalia
- Iki Afaan Oromo: ururimi ruvugwa na benshi muri Etiyopiya
- Iki Amharic: ururimi rw'igihugu ca Ethiopia
- Iki Tigrinya: ururimi rukoreshwa muri Eritrea
- Ikirundi n'ikinyarwanda
Iyugurura ry'ivyo biro bishasha rihuriranye n'itanguzwa ry'ikiganiro Money Daily, ikiganiro gishasha ca Televiziyo c'ivy'ubudandaji kigiye kuza kirasohoregwa i Nairobi.

Ahavuye isanamu, Armstrong Too
Ibiro bishasha vya BBC vyo mu gisagara ca Nairobi biri mu nyubakwa 9Riverside iri kw'ibarabara Riverside Drive mu burengero bw'igisagara ca Nairobi.











