Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ubutegetsi bwa Tanzaniya buvuga ko butigeze butunganya politike yo guhiga abakundana basangiye igitsina
Leta ya Tanzaniya yitandukanije n'umutegetsi yavuze mu ndwi iheze ko hagiye gutunganywa imigwi ihiga buhongo abahungu bakundana hagati yabo.
Bulamatari w'umuji wa Dar es Salaam, Paul Makonda yabwiye abamenyeshamakuru ko isekeza ryo guhiga abo bantu ritangura ku munsi wa mbere.
Inyuma y'iryo tangazo, Leta Zunze ubumwe za Amerika zagabishije abenegihugu bazo baba mu gihugu ca Tanzaniya kwitonda, bagakura canke bakanyegeza "amafoto n'imvugo vyoja kubiri n'amategeko ya Tanzaniya ku bijanye n'abakundana basangiye igitsina no ku vy'amabanga mpuzabitsina".
Ubushikiranganji bw'imigenderanire ya Tanzaniya n'amakungu bwavuze ejo ko ivyakozwe na bulamatari atariho leta ihagaze, ariko ntibisobanutse ko iryo sekeza rica rihagarikwa:
"Bwana Makonda yashikirije iciyumviro ciwe, kidakwiye gufatwa nk'aho Repubulika ya Tanzaniya ihagaze...
"Repubulika yunze ubumwe ya Tanzaniya izokwama yubahiriza yongera ishigikira agateka ka zina muntu nkuko bitegekanijwe mw'ibwirizwa shingiro ry'igihugu."
Nta tegeko ribuza imibonano y'abasangiye igitsina muri Tanzaniya, ariko iy'abahungu ku bahungu ifatwa nk'icaha gihanishwa igipfungo c'ubuzima bwose.
Ikibazo c'abantu baja mu mibonano y'abasangiye igitsina kiravugwa cane mu gihugu, kuva igihe Perezida John Magufuli atorewe mu 2015.
Amavuriro avugwa ko ashigikiye imibonano y'abasangiye igitsina aramaze kwugagwa mu muji wa Dar es Salam, bituma abantu bari muri uwo mugwi babaho binyegeje.