Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Reta ya Madagascar yahaye agashimwe Malagasy kubera batsindiye ubwa mbere kuja mu nkino z'igikombe ca Afrika
Reta ya Madagascar yahaye agashimwe umugwi nserukiragihugu w'umupira w'amaguru mu kuwushimira kuko watsindiye kuja mu nkino za nyuma z'igikombe ca Afrika.
Uwo mugwi watsindiye ico kibanza co mu nkino za nyuma zitegekanijwe umwaka uza muri Cameroun inyuma yo gutsinda igihugu ca Guinee Equatorial igitego 1-0 ku musi wa kabiri.
Prezida aramutswa Madagascar muri kino gihe Rivo Rakotovao yashikirije agashimwe k'amadolari 28.150 uwo mugwi n'abawumenyereza kubera utwigoro bagize.
Itangazo ryasohotse rongerako ko "bahawe kandi agashimwe k'iteka k'igihugu kubera bashoboye gushika mu nkino za nyuma z'igikombe ca Afrika 2019 muri Cameroun."
Madagascar, igihugu kigira ica 106 ku rutonde rwa Fifa catanguye kuvyura umugara nk'igihugu gito mu mupira w'amaguru mu kunganya na Senegal ca shitse mu nkino za nyuma z'igikombe c'isi mu 2018, ibitego 2-2; batsinda Guinee Equatoriale mu nkino zose, gica kiba igihugu kigira 40 gishoboye kuja mu nkino za nyuma z'igikombe ca Afrika.
Uretse igitigiri kinini c'abakinyi bari mu cicaro co hasi mu Bufaransa, igitigiri kinini kigenda ciyongera n'abakinyi ba Malagasy bakina i Buraya bo mu migwi yo muri Afrika.
Uwo mugwi urongowe na Ahmad, ubu ari we aramutswa Caf, ari kumwe n'umukuru mfatakibanza w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru Doda Andriamiasasoa, ico gihugu kiriko kirasarura inyungu z'amahera menshi yashizwe ku nzego zo hasi no mu rwaruka.