Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umuhari al-Shabab wo muri Somalia uvuga ko wishe umukozi w'iperereza w'Ubwongereza
Umuhari wa al-Shabab wo muri Somalia uvuga ko wishe abagabo bane wagiriza gusuma urusaku, harimwo uwufise ubwenegihugu bw'Ubwongereza.
Abo bagabo bafise imyaka iri hagati ya 22 na 36 bishwe barashwe ku mugaragaro ku musi wa kabiri mu karere kagenzurwa n'uwo muhari wa ki Islam.
Nk'uko biri ku rubuga rwa Jihadi, uwo Mwongereza yaremeye ko yahaye inkuru iperereza ry'Ubwongereza zerekeye abashigikiye al-Shabab baba mu Bwongereza.
Uwundi bivugwa ko yakorera reta ya Somalia.
Uwo muntu bivugwa ko yashize akuma ku modoka yari mu rukurikirane rw'imodoka za Al-Shabab kafashije indege zitagira umudereva za Amerika kugira ibitero vy'indege.
Al-Shabab yabwiye itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ko batatu muri abo bagabo bari abasumyi b'urusaku ba Amerika bafashije kugira habe ibitero vy'indege zitagira umudereva muri Somalia.
Ubwongereza, Amerika na reta ya Somalia ntaco barabivugako.
Ibinyamakuru vyo muri Somalia birakeka kandi ko al-Shabab yishe kandi abigisha babiri, banaturira ibiro bakoreramwo mw'ishure riri mu buraruko bwa Kenya, hagufi y'urubibe bihana na Somalia.
Al-Shabab ifise inguvu zingana iki?
Al-Shabab, ishami rya al-Qaeda, yaratujijwe ku mugwa mukuru Mogadishu mu 2011 n'urunani rw'ingabo za reta ya Somalia n'izo ubumwe bwa Afrika, ariko ibandanya kwica igakiza mu turere twinshi two mu bumanuko bwa Somalia, aho kenshi yashizeho itegeko rya Islam canke Sharia.
Si ubwa mbere al-Shabab yica abantu ibagiriza gusuma urusaku.
Mu kwezi kwa cumi na kabiri mu 2017, al-Shabab yarishe abagabo batanu, muri bo harimwo umuhungu akiri muto, yagiriza ko akorera Amerika n'iperereza rya Kenya.
Co kimwe no gushaka kwigarurira ibindi bice vya Somalia, al-Shabab yaratanguje ibitero vy'iterabwoba hose muri Afrika y'ubuseruko.
Mu 2013, mu gihugu kibanyi ca Kenya, abantu 67 barishwe barashwe ikivunga n'abagwanyi ba al-Shabab mu nzu y'ubudandaji ya Westgate i Nairobi.
Uwo muhari kandi ni wo uri inyuma y'igitero ca bombe cahitanye abantu benshi muri Somalia, aho hishwe abantu 500 hakoreshejwe ibintu biturika biri mw'ikamyo i Mogadishu mu mwaka uheze.