Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Somalia yasubiranye ikigo ca gisirikare Al Shabaab yari yatse abasirikare mu mirwano yo mu gitondo
Leta ya Somalia imenyesha ko abasirikare bayo basubiranye igiko ca gisirikare kiri mu bumanuko bw'igihugu, cari cafashwe na Al Shabaab bagasubira bakakiyaka mu mirwano ikomeye kuri uno wa mbere.
Umuvugizi wa leta yavuze ko abasirikare batandatu bahasize ubuzima hamwe n'abarwanyi ba Al-Shabaab barenga mirongo ibiri.
Kare umuvugizi wa Al Shabaab yari yavuze ko igitero ku kigo ca gisirikare ca Baar Sanguni hafi ya Kismayo, cahitanye abasirikare mirongo ibiri n'indwi.
Muri ico gitero nyene, umusirikare umwe wa Amerika yahasize ubuzima abandi bane barakomereka.