Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ingabo za Somalia zakuye Al Shabaab kuri hoteri Nasa Hablod
Abantu batari munsi ya 20 nibo bamaze kimenyakana ko biciwe muri hoteri Nasa Hablod, yagabweko ibitero bibiri vy'ibisasu ku munsi wa gatandatu.
Umwe mu bategetsi bajejwe umutekano ku rwego rw'intara ari mu bantu baraye bahitanywe n'ibitero vya Al Shabaab kuri iyo hoteri yo mu muji wa Mogadishu.
Kuri uyu w' Imana abajejwe umutekano bashoboye kwinjira muri iyo hoteri, inyuma y'amasaha arenga mirongo ibiri yugarijwe.
Birakekwa ko hashobora kuba hari ibindi biziga bishobora gutorwa mwo, kuko abajejwe umutekano batarashobora kuhakizura.
Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'umutekano Abdiaziz Ali Ibrahim, yabwiye abanyamakuru ko babairi mu bayoboke ba Al Shabaab bagavye ico gitero baguye muri co, abandi batatu bafatwa ari bazima.