Senegal kizoba igihugu ca mbere ca Afrika kizokwakira inkino za Olempike zo mu 2022

Igihugu ca Senegal kizokwakira inkino za Olempike z'urwaruka zitegekanijwe mu 2022 nk'uko vyamenyeshejwe na komite mpuzamakungu ya Olempike (IOC) i Buenos Aires mu gihugu ca Argentine.

Buzoba bubaye ubwa mbere igihugu ca Afrika cakira inkino nkizo.

Ibihugu bine vya Afrika - Botswana, Nigeria, Senegal na Tunisia - vyariko birahiganwa gutegura izo nkino.

Mu kiganiro n'abanyamakuru, IOC avuze iti:"Senegal ni co catsinze kuko cerekanye ko "Gifise ibintu vyose bikenewe n'akaryo keza muri kano kanya kandi ku gihe",

Iryo higanwa rizobera mu bisagara bitatu: Umugwa mukuru wa Senegal, i Dakar, igisagara gishasha ca Diamniadio, ubu kiriko kiratezwa imbere, hamwe n'igisagara ca Saly kiri ku kivuko.

Mw'ijambo yashikirije, prezida wa Senegal Macky Sall yavuze:"Senegal n'urwaruka rwayo baranezerejwe n'iteka muduteye, mu kwemera ko ihiganwa rya olempike ry'urwaruka ribera mu gihugu cacu.

"Mu bisanzwe ni Afrika yose, aha umuntu wa mbere yamuka uravye kahise ukaba ari na wo mugabane urimwo abakiri bato benshi uravya abahaba, izakira abanonotsi bakiri bato bo kw'isi yose mu 2022.

Uretse Antarctique, Afrika ni wo mugabane w'isi gushika ubu utari bwigere utegura inkino za olempike.