Kubera iki bigoye gutembera mu bihugu vya Afrika?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umugabo wa mbere atunze cane muri Afrika, Aliko Dangote, avuga ko akenera impusha 38 (visas) ngo ashobore gutembera ku mugabane wa Afrika yitwaje igitabu c'inzira co muri Nigeria.
Hagati aho abanyagihugu bo ku mugabane wa Buraya binjira mu bihugu vyinshi vya Afrika ata ruhusha (visa) barinze gusaba.
Ibihugu vya Afrika vyari vyihaye intego yo gukuraho "visa" ku banyagihugu bose bo muri Afrika kuva mu 2018.
Ni imwe mu ngingo yemejwe n'umuryango w'Ubumwe bwa Afrika (AU), "wiyemeje gushikako ku kiringo c'imyaka 50", yemejwe n'ibihugu vyose vya Afrika mu 2013.
Gushika uno munsi, igihugu ca Seychelles conyene nico kidasaba "visa" ku banyafrika bose - no ku banyagihugu bose b'ibindi bihugu - nkuko biri kuva kera.
Mu cegeranyo ca vuba, bivugwa ko abanyafrika bashobora gutembera ata "visa" ku bice 22% vy'ibihugu vya Afrika.
Ni ikibazo nkoramutima, gituma ibihugu bitunze kurusha ibindi muri Afrika vyinuba ingenzi z'ibindi bihugu, naho abanyepolitike badahengeshanya gusigura ko kwugururira inzira ingenzi n'abanyagihugu biteza imbere ubutunzi bw'igihugu. .

"Abayobozi bacu baragira utwigoro tudafashe barondera gukingira imbibe zashizweho n'abakoroni," niko umunya Afrika Yepfo amaze kuja mu bihugu 35 kuri 55 bigize Afrika, Katchie Nzama avuga.
Umuryango w'Ubumwe bwa Afrika wipfuza ko haba umugabane utagira imbibe aho abantu bawo umuliyaridi 1.2 bashobora kwidegemvya mu bihugu biwugize, nka kurya kwo mu muryango w'ibihugu vya Buraya, ariko umengo haracari inzitizi.
Mu gihugu ca Burkina Faso abajejwe uruja n'uruza basaba amadolari $200 ya "visa" uwinjiye, muri Tanzaniya naho bagafata bakongera bakarungika mu bihugu vyabo abanyagihugu bo mu muryango wa Afrika y'ubuseruko, Tuniziya nayo ikimana "visa" naho ingenzi ziba ziri mu ngorane.
Inyifato zibiri zitandukanye?
Igihugu ca Afrika Yepfo nico gihugu giseruka cane ku mugabane wa Afrika, gifise inyifato ihinduka hageze ku bijanye na "visa", ico gihugu kikaba gikumira ibindi bihugu vya Afrika ariko kikugururira imiryango ibindi bihugu vyo mu makungu.

Abanyagihugu b'ibihugu 15 vya Afrika nibo bonyene bashobora kuja muri Afrika Yepfo ata "visa", ariko ibihugu 28 vya Buraya bikaba bidakeneye "visa" muri ico gihugu.
Umuvugizi mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, Thabo Mokgola arashigikira iyo nyifato.
Yabwiye BBC ati: "Iyo mvugo siyo - gutanga visa bishingiye kuri 'réciprocité' (mpa nguhe) kandi turiko turaheraheza ingendo nka mwene iyo na bimwe mu bihugu vyo ku mugabane".
Ingene iyo "mpa nguhe" ikora ntivyumvikana
Nk'akarorero, igihugu ca Kenya gitanga "visa" ku buntu ku banyagihugu ba Afrika Yepfo bashitse, ariko abanyagihugu ba Kenya bipfuza kuja muri Afrika Yepfo basabwa kurondera "visa" babwirizwa kurihira, bakaronka inyuma y'iminsi itanu.
Mu 2015, imyaka ibiri inyuma yaho umuryango w'Ubumwe bwa Afrika usabiye ko "visas" zoba zakuwe kuva mu 2018, Afrika Yepfo yakoze ibihushanye, ifata ingingo zikomeye ziyamirijwe na benshi.
Kubera ingorane z'ubutunzi, igisata c'abakerarugendo kigasubira hasi, ico gihugu giheruka kumenyesha ko kigiye gutezurira ingenzi kugira ngo kirabe ko conagura ubutunzi bwaco.

Ahavuye isanamu, CORBIS/GETTY IMAGES
Igitabu c'inzira ca Afrika
Ibihugu vya Namibie, Ile Maurice, Ghana, Rwanda, Benin na Kenya vyaroroheje ibisabwa ku banyafrika, bikaba bitanga "visa" umuntu ashitse ku kibuga c'indege, bikemera ko umuntu atemberera igihugu ku kiringo c'iminsi 90.
Ariko abanyafrika baracakenera "visa" mu bihugu birenga igice kuri 54 bigize umugabane wa Afrika, birondera gukingira imbibe zashizweho n'abakoroni ba Buraya hafi imyaka 100 irangiye.
"Umuntu nka jewe, nuko umugwi wacu ungana, nkenera "visas" 38 kugira nzunguruke muri Afrika," niko Aliko Dangote, umutunzi w'imiliyaridi z'amahera, yavuze mu kiganiro mu 2016.
Bivugwa ko ari uwa mbere yaronse igitabu c'inzira ca Afrika catangujwe mu 2016.
Ico gitabu c'inzira gisabwa gusubirira ic'igihugu, ariko kikaba cahawe bamwe mu bakuru b'ibihugu, aba ambasaderi hamwe n'abakozi bo mu muryango w'Ubumwe bwa Afrika.

Ahavuye isanamu, AFP/BBC
Biroroshe gutembera mu karere kamwe kamwe nko muri Afrika y'Ubuseruko, nko mu muryango w'ibihugu vya Afrika yo mu burengero ECOWAS, nko mu muryango wo mu bihugu vya Afrika yo mu bumanuko SADC canke mu muryango w'ibihugu vyo mu buraruko Maghreb co kimwe no mu muryango w'ibihugu vya Afrika ya hagati CEAC.
Ariko biragora iyo umuntu ava mu karere kamwe aja mu kandi.
Ibiciro biri hejuru
Ingorane ibuza gutembera mu mwidegemvyo ku mugabane wa Afrika ni uko hari amashirahamwe make y'indege akora ava mu karere kamwe aja mu kandi, ayahari nayo agacira amahera y'umurengera.
"Kuva muri Kenya uja muri Namibia birihwa kumwe no kuja muri Thailande, kuja i Dubai uvuye i Nairobi birazimbutse kurusha kuja muri Maroc," niko umukenya akunze gutembera Winnie Rioba avuga.
Iruhande y'ibiciro vy'itike y'indege ushireko ivya "visas"
Madamu Rioba yasabwe kuriha amadolari $90 kuri "visa" yo muri Djibouti, asanzwe ariha "visa Schengen" yo kwinjira i Buraya amadolari $75, ituma winjira mu bihugu 26 vy'umuryango w'ibihugu vya Buraya.
"Narishe amahera menshi ndondera ama "visas" kurusha ayo narishe amatike y'indege ntembera ku mugabane," niko Madamu Nzama avuga.










