Abramovich ntiyimwe visa y'Ubwongereza

Ahavuye isanamu, EPA
Umugaba w'umugwi Chelsea, Roman Abramovich, ntiyimwe uruhusha rwo kuba (visa) mu Bwongereza, niko amakuru aturuka ku muntu bacuditse cane avuga.
Amakuru avuga ahubwo ko yahagaritse gusaba iyo visa, nkuko amakuru yashikiriye BBC avuga.
Amakuru aturuka ku muntu acuditse cane n'uwo mugabo atunze cane w'umurusiya avuga ko atigeze yimwe canke yankigwa visa yakoresha y'abazana imitahe yabo mu Bwongereza.
Bwana Abramovich w'imyaka 51, yari mu migambi yo kwubakira umugwi ikibuga gishasha c'umupira w'amaguru, ariko akaba yoba yarabihagaritse bitewe nuko yatebejwe kwongerezwa visa, ikiringo cayo kimaze amayinga kirangiye.
Igihugu ca Israeli cavuze ko gishobora guha visa uwo mugabo amahera atunze aharugwa mu mamiliyaridi.
Amakuru avuga ko Bwana Abramovich yatebejwe kwongegwa visa yatanguye kuja ahabona igihe hari uruhagarara hagati ya Londres na Moscou, inyuma yaho umugabo yahora mu gisata c'iperereza c'Uburusiya, Sergei Skripal ahakiwe kwicishwa ubumara.
Amakuru avuga ko visa yahorana imaze indwi zitatu irangiye.
Amategeko mashasha mu buryo bwo kurondera visa yashinzwe mu 2015, avuga ko abasaba visa bakwiye gusigura iyo bakuye amahera batunze.
Urutonde rw'abatunze cane
Bwana Abramovich, yakuye amahera mu bucuruzi bw'ibitoro na gazi mu myaka yi 1990, yaguze amashirahamwe agaba Chelsea mu 2003.
Nkuko amakuru ava mu kinyamakuru "Sunday Times Rich List" ni umuntu wo mu Bwongereza agira 13 mu batunze cane, afise amahera imiliyaridi 9.3 y'amapawundi.
Bivugwa ko acuditse na Prezida w'Uburusiya Vladimir Putin.
Ku munsi wa kane, Chelsea yasohoye itangazo ivuga ko ibikorwa vyo kwubaka ikibuga gishasha c'umupira w'amaguru i Stamford Bridge bihagaritswe kubera ko ata cuka ciza gihari co gukora ivyashara.
Bivugwa ko iyo "stade" y'ibibanza 60000 yotwaye amahera agera ku muliyardi 1 w'amapawundi.
Roman Abramovich ni nde?

Ahavuye isanamu, Reuters
- Uwo mugabo w'imyaka 51 ni umwe mu barusiya batunze cane
- Bivugwa ko yagurisha ibi "poupées" imbere yuko aronka amahera avuye mu bitoro mu myaka yi 1990 inyuma y'isambuka rya "Union Soviétique".
- Bwana Abramovich yarigeze gukorana n'umutunzi akomeye yitavye Imana Boris Berezovky, yakorana na Prezida wa kera w'Uburusiya Boris Yeltsin
- Ababanegura bavuga ko abo bagwizatunga babiri bakoresha umuryango w'abari mu biro vya Kremlin mu kwigarurira amashirahamwe ya leta ku mahera make cane.
- Abramovich yarabaye bulamatari w'intara ya Chukotka yo mu Burusiya
- Vyemezwa ko acuditse na Prezida Vladimir Putin










