Igisirikare ca Uganda cashize ahabona agakingirizo kitwa 'Ulinzi' kagiye gukoreshwa n'abasirkare

Igisirikare ca Uganda cashize ahabona ikimenyetso gishasha c'udukingirizo tuzoza turakoreshwa n'abasirikare bo muri ico gihugu.

Ubwo bukingirizo bwahawe izina rya 'Ulinzi' kandi vyitezwe ko buzifasha mu twigoro two kugabanya ikwiragizwa ry'umugera wa Sida.

Igisata kijejwe kugwanya Sida mu gisirikare cashize ahabona ico kimenyetso gishasha bafashanije n'amashirahamwe abiri ategamiye reta, Population Services International (PSI) - Uganda na Pace Uganda.

Mu tubwate tw'utwo dukingirizo, handitswe ngo 'ntugire utikingiye' , mu guhamagarira abasirikare gukoresha agakingirizo igihe bashaka guhuza ibitsina.

Umukuru w'igisirikare kigwanira ku butaka muri Uganda, gen Leopord Kyanda ni we yarongoye ibirori vyo kwerekana ako gakingirizo, aho yahamagariye abasirikare kuza barikingira.

Yongeyeko ko ari muri iyo nzira gusa bashobora kugwanira igihugu.

Gen Kyanda ati:" Igihe umusirikare ku giti ciwe adashobora kwirinda wenyene, ntasobora krina igihugu ciwe ari na co gituma, nk'abasirikare twafashe iyi nzira, yo gutama mugira amagara meza kugira mugwanire igihugu."

Uwuserukira ishirahamwe Pace Uganda yavuze ari ibisanzwe ku basirikare bari ku mirimo ya misi yose ko bahura bakagira imibonano mpuzabitsina n'abapfasoni, abahanura rero kwikingira kugira ntibanduze abapfasoni babo basize muhira.

Uwurongoye PSI muri Uganda Dr Dorothy Braba yavuze ko ubu utwo dukingirizo ari utwo abagabo gusa ariko ko vuba bazorondera utwo abapfasoni.

Yavuze ko uwo mugambi wavuye mu biro vy'umukuru w'igihugu kandi ko uzoshirwa mu ngiro nk'abafasha ba UPDF.

Si ubwa mbere igisirikare ca Uganda gifasha mu migambi yo mu gihugu ca Uganda.

Mu 2015 barashize ahabona ikimenyetso kiranga amazi yo mw'icupa yitwa Uzima mu ntumbero yo guteza imbere ubuzima bw'abasirikare.