Ishirahamwe Human Rights Watch risaba ko haba itohoza ku bwicanyi bubera i Beni mu buseruko bwa Kongo

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, ryasavye ko hakorwa itohoza ku bwicanyi bw'i Beni mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Kongo.

Ubwo bwicanyi buramaze guhitana abantu barenga igihumbi mu myaka ine iheze buza burakorwa.

Iryo shirahamwe ry'agateka ka muntu rivuga ko muri uno mwaka gusa abanyagihugu amajana ababiri bamaze gukandagurwa, benshi batemaguwe n'imipanga canke bakaraswa.

HRW ishaka ko Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu hamwe n'abasirikare ba ONU bahagarariye amahoro, bakora itohoza kandi bagacira urubanza abavyagirizwa.

Abajejwe intwaro muri Kongo begeka ubwo bwicanyi ku mugwi w'abarwanya b'abanye Uganda, ariko Human Rights Watch ivuga ko n'iyindi migwi co kimwe n'igisirikare ca Kongo nabo babifisemwo uruhara.