Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ishirahamwe Human Rights Watch risaba ko haba itohoza ku bwicanyi bubera i Beni mu buseruko bwa Kongo
Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch, ryasavye ko hakorwa itohoza ku bwicanyi bw'i Beni mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Kongo.
Ubwo bwicanyi buramaze guhitana abantu barenga igihumbi mu myaka ine iheze buza burakorwa.
Iryo shirahamwe ry'agateka ka muntu rivuga ko muri uno mwaka gusa abanyagihugu amajana ababiri bamaze gukandagurwa, benshi batemaguwe n'imipanga canke bakaraswa.
HRW ishaka ko Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu hamwe n'abasirikare ba ONU bahagarariye amahoro, bakora itohoza kandi bagacira urubanza abavyagirizwa.
Abajejwe intwaro muri Kongo begeka ubwo bwicanyi ku mugwi w'abarwanya b'abanye Uganda, ariko Human Rights Watch ivuga ko n'iyindi migwi co kimwe n'igisirikare ca Kongo nabo babifisemwo uruhara.