Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Biragushikira ko wibagira ibintu vyose waraye uborewe?
N'ikintu kimaze gushikira abantu benshi n'imiburiburi rimwe mu buzima bwabo - ijoro umuntu anywa cane rikurikirwa n'umusi ata kintu na kimwe wibuka.
Ingwara iterwa no kunywa inzoga nyinshi ni yo isigaye ari ikiyago inyuma yivyavuzwe kuri Brett Kavanaugh yagenywe kuja muri sentare ntahinyuzwa, ko yashatswe gufata umuntu ku nguvu.
Umwe mubamwagiriza avuga ko umucamanza Kavanaugh yagerageje kumwegera cane mu musi mukuru yaborewe mu myaka 36 iheze. Uwundi mupfasoni akurikira avuga ko yamwiyeretse wese mu gihe bariko barakina urukino rw'imborerwa kw'ishure.
Kavanaugh yarahakanye yivuye inyuma ivyo yagirizwa, hanyuma bamwe batangura kuvuga ko ashobora kuba yaravyibagiye kubera inzoga, ivyo na vyo akaba abihakana.
None urwibagiza rutewe n'inzoga n'iki?
Ni igihe ubwonko bunaniwe gushingura mu bwonko ibintu vyabaye igihe tuba turiko turanywa.
Ivyo bishika kubera ibihimba vyo mu bwonko bikora akazi gakomeye mu kubika ibintu vyo mu buzima vya buri musi, vyitwa 'hippocampus', vyugarwa n'inzoga, nk'uko vyemezwa n'ikigo c'igihugu kiraba inkurikizi mbi z'inzoga hamwe n'akaboregwe (NIAAA) muri Amerika.
Ivyo bituma haba agahaze mu kibanza kibika ivyo umuntu yibuka.
Hari ubwoko bubiri bw'urwibagiza:
- Urumenyerewe cane, rwitwa 'Fragmentary blackout', n'igihe umuntu aba yibuka ibintu ariko atibuka ido n'ido. Ushobora rero kwibuka ko wanyiye dukeyi nk'akarorera, ariko ntiwibuke uko wanyoye canke uwarishe. Abahinga bavuga ko ukwihatira kwibuka bifasha abantu gusubira kwibuka ivyo bindi aba yibagiye.
- Kwibagira burundu 'complete blackout', ni ukwibagira vyose amasaha atari make. Mu bisanzwe nta kuntu na kumwe ushobora kwibuka ikintu na kimwe kuko nta kintu na kimwe kiba cabitswe mu bwonko.
Bikunze gushika ryari?
Kwibagira bimwe bimwe birashika cane, nk'uko ivyigwa bivyerekana, na cane cane ku baboregwa bakiri bato.
Umwigisha w'inyifato muri kaminuza ya Brown i Providence, Rhode Island avuga ati:" Ahantu ahari ho hose ibice biva ku 30% gushika ku 50% vy'abakiri bato banywa inzoga baravuga ko bagira urwibagiza."
Ivyo bishika igihe inzoga ibaye nyinshi mu maraso (BAC) gushika ku rugero runini cane. Ivyo bishobora gushika igihe wanyoye inzoga nyinshi cane mu kiringo gito, usukayo kandi utafunguye.
Utangura kugira urwibagiza iyo urugero rw'inzoga mu maraso rishika ku gipimo ca 0.2 nk'uko bivugwa n'abahinga.
Nk'urugero, muri Amerika kirazira gutwara imodoka ufise urugero rw'inzoga mu maraso rugera ku 0.008 (Urwo rugero ruratandukanye mu Bwongereza).
Hoba hariho abantu bageramirwa gusumba?
Ivyigwa vyerekana ko urwibagiza rugeramira cane abantu badafise ibiro vyinshi hamwe n'abapfasoni. Ivyo n'ukubera urugero rw'inzoga mu maraso y'abapfasoni rwiyongera cane igihe anyoye kubera kutagira amazi menshi mu mubiri.
Uko umuntu aremwe kandi bishobora gutuma ageramirwa no kutibuka gusumba abandi.
Bamwe mu bahinga bavuga kandi ko abantu banywa itabi canke bafata ibindi bintu igihe bariko baranywa inzoga na bo bakunze gukaza urwibagiza ruvuye ku nzoga.
Hari ikimenyetso kibigaragaza?
Si ngombwa nk'uko Dr Carey abivuga.
Yongerako ko kubera ibihimba bikora gake biba bokomeye cane gusumba ubumara bw'inzoga,umuntu ashobora kwikangura agaca amera neza, mbere akanasubiramwo ibintu vyabaye imbere y'uko yibagira vyose. Ariko ntazovyibuka.
Abantu bamwe bamwe ariko barerekana ibimenyetso harimwo ivyo gusamara canke ukudashobora kubandanya ikiganiro nk'akarorero.
N'izihe nkurikizi?
Nk'uko bivugwa n'ibigo vyitaho abasinzikajwe n'inzoga, abantu bashobora guhitamwo kugira inyifato ibageramira badashobora gukurikiza bamaze kuborerwa, kubera ugufata ingingo itabereye.
Ivyo bishobora kuba nko gutwara imodoka, kuja mu ndege canke gushaka gufata - canke gufatwa ku nguvu canke irindi kosa nk'uko bivugwa na NIAA.
Uretse gutakaza ubwenge, kuguma ugira urwibagiza bishobora kuva kukunywa uko ubonye, ivyo bishobora gutuma umuntu agira ingorane y'amagara nk'ingwara y'igitigu.
Vyoba ari co kimwe no guta ubwenge?
Oya si co kimwe. Guta ubwenge n'igihe umuntu asinzira canke agata ubwenge kubera akaboregwe.